IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru wa Bonesha FM yarekuwe inyuma y’amasaha atanu ari mu (...)

Umumenyeshamakuru wa Bonesha FM yarekuwe inyuma y’amasaha atanu ari mu gasho

lundi 2 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo mumenyeshamakuru yafashwe mu gihe yari agiye kuraba umugenzi wiwe apfungiwe aho mu ntara ya Makamba. Gad NIYUKURI, Buramatari w’iyo ntara akaba ariwe yategetse ko yofatwa yagirizwa ko yari ku kazi k’ukurondera amakuru kandi insamirizi akorera yarugaye.

Terefone ngendanwa yiwe yaciye ifatwa, ajanwa gupfungurwa, aho yamaze amasaha atanu mu gasho. Inyuma y’ayo masaha atanu, yararekuwe, na Terefone ngendanwa yiwe arayisubizwa.

Insamirizi BONESHA FM iri mu nsamirizi zitatu n’imboneshakure imwe zugawe burundu kuva kuri uwu wa kane, kw’itegeko ry’urwego CNC. Izo nsamirizi zitatu n’imboneshakure imwe zagirijwe ko zitatunganije ibibazo zifitaniye n’ubutungane. Izo nsamirizi zari zahawe amezi atatu y’ugutunganya ivyo bibazo. Izo nazo ni Radio Bonesha FM, Radio Publique Africaine, Radio Renaissance, hamwe na Télévision Renaissance.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Buramatari wa Makamba, Gad Niyukuri, arongoye intara akongera akaba Procureur? Canke inkuru sinayitahuye neza.

  • Turamuhaye misuhuko yi hangane cane, iyo dusazwe dutwarwa ni mburabwenge niko vyama bigenda.
    Abarongoye ayo maradio yugawe nabo turabashimira kubukerebutsi nubwira bamanye, bwokutajana nyabahuru, na huburundi bwacu bwugarijwe numwiza buzoteba buce, abakora bazokore banezerewe, barimumutekane, atagutotezwa,ataguhorwa akazi wigeze gukora, ataguhorwa izuru wa hawe n’Imana,canke ubwoko bwawe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.