Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru wa Radio Maria yarekuwe vy’agateganyo
 Umumenyeshamakuru wa Radio Maria yarekuwe vy’agateganyo
 Umumenyeshamakuru wa Radio Maria yarekuwe vy’agateganyo
				
				jeudi 6 Mukakaro 2017, par
Joseph BANANENO yari yafashwe ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE akaba yari yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru apfunzwe yagirizwa ivyo yavuze ku munsi w’Imana, mu giporisi bakamenyesha ko yagomvye guhungabanya umutekano w’igihugu.
Petero NKURIKIYE yari yagize ati : "Yagirizwa ko yagomvye guhungabanya umutekano akoresheje inkuru z’ibinyoma yariko arakwiragiza kuri Paruwasi yitiriwe Umweranda Augustin mu Buyenzi. Yavuze ko hari ukozi bw’ikibi bugira bube kandi atarivyo. Nivyo ariko arabazwako."
Inyuma y’ukwumvirizwa na Sentare ya Mukaza, ingingo yafashwe yabaye iy’uko uwo mumenyeshamakuru arekurwa.
Egide NDUWIMANA
