IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abatarakoresha impusha z’ukugendesha imiduga zigezweho bazotangishwa (...)

Abatarakoresha impusha z’ukugendesha imiduga zigezweho bazotangishwa ihadabu

mardi 29 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri, OPC1 Roger BANKIBIRWIRA amenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga 2017, uwuzoba adafise uruhusha rwo kugendesha imodoka rukozwe mu buhinga bwa none (Permis de conduire biometrique) azofatwa nk’uwudafise uruhusha rwo kugendesha imodoka.

OPC1 Roger BANKIBIRWIRA avuga ko ikiringo co guhinduza impusha zo kugendesha imodoka congerejwe ku ncuro zibiri zose, ari naco gituma ubu ata kindi kiringo bazokwongerako.

JPEG - 43.6 ko
OPC1 Roger BANKIBIRWIRA,Umuyobozi w’igiporisi kijejwe umutekano mw’ibarabara

Muri ico kiganiro, umuyobozi w’igiporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara yavuze kandi igihano gitegekanijwe ku muntu wese hazogera igenekerezo rya 31 Myandagaro ataratangura intambwe ya mbere yo guhinduza uruhusha rwo kugendesha imodoka.

«Umuntu wese ashaka guhinduza urupapuro rwo kugendesha imodoka rukozwe mu rupapuro arushira mu buhinga bwa none (Biometrique), ariko hagashika kw’igenekerezo rya 1 ataratangura ico gikorwa, azorihishwa ihadabu y’amafaranga 2000 vy’amarundi, ku munsi ku munsi.»

Uwo arongoye igiporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara avuga ariko ko ku bari i Bujumbura canke hagati mu gihugu bamaze gutangura kurondera izo mpusha nshasha batazorihishwa iryo hadabu. Uwutarabikora akaba ariwe azorihishwa.

Kuva igikorwa co gutanga impapuro zo kugendesha imodoka zikozwe mu buhinga bwa none gitanguye, igiporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara kimaze kwakira abantu 12000 bazisavye, muri abo, 9750 baramaze kuzironka, mu gihe izindi 312 zasubijwe inyuma kuko basanze zitazwi mu giporisi kijejwe umutekano mu mabarabara.

JPEG - 71.5 ko
Abaje guhinduza impusha zo kugendesha imodoka,barindiriye kwakirwa

Gushika kuri uno wa kabiri, iminsi ibiri gusa imbere y’uko ikiringo catanzwe co guhinduza impusha zo kugendesha imodoka kirangira, abantu isinzi bari bagitonze ku biro vy’igiporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara, kugira bahinduze impusha basanganywe.

Umuyobozi w’igiporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara OPC1 Roger BANKIBIRWIRA avuga ko abafise impusha mpuzamakungu z’ukugendesha imiduga (Permis de conduire international) bazobandanya bazikoresha nk’uko vyahora.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ntako mutagize ngo mwigane u Rwanda mugabo mubikorana ubujuju bwinshi,1)Umuganda 2) Contrôle technique 3) Permis Biometrique,n’ibindi n’ibindi vyinshi,DD ipuuuuu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.