IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umunywanyi agira kabiri wa MSD yafashwe n’igiporisi

Umunywanyi agira kabiri wa MSD yafashwe n’igiporisi

mercredi 7 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Vénérand Habonimana yafatiwe muhira iwe, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’umugambwe MSD, akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi i Rwibaga, mu ntara ya Bujumbura.

Uw munywanyi wa MSD afashwe inyuma y’umunsi umwe gusa hafashwe uwundi wo muri zone Kamenge, NSABIMANA Dieudonné batazira "Banga" yafatiwe muri karitiye ya Kamenge, mu gisagara ca Bujumbura, gushika ubu akaba atawuzi aho apfungiwe.

Mu mugambwe MSD baratabariza uwo munywanyi apfungiwe mu kibanza kitaramenyekana, bagasaba ko umuryango wiwe wohabwa uburenganzira bw’ukumugendera hamwe n’ukumugemurira ivyo afungura.

Mu gihe uwo munywanyi wa MSD yburirwa irengero, Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi w’umugambwe MSD amenyesha ko ubuzima bwiwe buzobazwa intwazangabo mu giporisi, Mathias Joseph NIYONZIMA batazira KAZUNGU, kuko uwo NSABIMANA Dieudonné yafashwe n’umuporisi agendanira iyo ntwazangabo.

Abo banywanyi babiri ba MSD bahagaritswe kandi inyuma y’abandi babiri baheruka kuburirwa irengero. Mu mugambwe MSD bamenyesha ko amakuru bafise avuga ko Rémy Ndagijimana na Léon Bangiricenge bamaze kugandagurwa, inyuma y’ugupfungirwa mu gasho katazwi, mu Kajaga


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.