IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNIDH watakaje ikibanza mu baharanira agateka ka zina (...)

Umurwi CNIDH watakaje ikibanza mu baharanira agateka ka zina muntu

jeudi 9 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi (CNIDH) watakaje ikibanza, ushirwa mu murwi B, ahasanzwe haja ibihugu bifise imirwi iharanira agateka ka zina muntu itubahiriza amasezerano mupuzamakungu ajanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.

Mu cegeranyo casohotse, urunani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu rumenyesha ko umurwi CNIDH wo mu Burundi utakoze mu bwigenge mu kurwanya ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, uwo murwi ukagirizwa kandi ko udakorana n’amashirahamwe mpuzamakungu, mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.

Uwo murwi wagirijwe ko utigeze ugira ico ushikirije mu mabi yakozwe mu mwaka w’2015, ibinogo rusangi vyabonetse hamwe n’ubwicanyi ndengerabungane bwakozwe n’abari mu nzego za Reta.

Uwo murwi wagirijwe kandi ko usohora ivyegeranyo bigabanya ibitigiri vy’abantu bicwa mu Burundi, ibitandukanye n’ibivuhwa n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Uburundi bufise umwaka umwe kugira bwisigure kuri ivyo umurwi CNIDH wagirijwe.


IGIHE

Messages

  • Iryo shirahamwe rirundi barihora ubusa,mbona atako ritari ryagize!

  • Nizereko ubu abataribwatahure ko ayomashirahamwe yitwa nhonimpuz’Amakungu kwabayashizeho bayashiriyeho muntumbero yokuzoguma bakoroneje ibihugu vyitwa ngovyarikukiye.
    Umva, murabiziko mwinomisi ayomashirahamwe yitwongonimpuz’Amakungu abonekana nkuko umuntuwese ngaha Burundi kwategerezwa kuvuga ibiteza gasheshe mubebegihugu utabikoze gurtyo ucawitwa kutakoze, rekandabahe aharorero kamwe muribwishi nsanzwe mfise,
    Umugabo yitwa Pierre Clauver Mbonimpa kugiranezereze ayomashirahamwe yogukoroneza ibihugu vyikukiye igihekimwe yaremeye arondera amafoto yabapfiriye muntambara za Congo igihe CA M23 maze aravuga ngo nimurabe abarundi bapfiriye Congo Kiriba Onderi , icongiye basanze atahobihugiye nabarundi aramaramara ararya ivyatsi ariko nticabujije kwayomashirahamwe yiyemeje gukomeza gukoroneza ibihugu vyikukiye bamwambika imidale nubushimwe bwurwungikanye, impamvusiyindi nuko yariyazanye mubarundi ivyoteza imitongano mubene gihugu.
    Iryoshirahamwe rero ANIDH mugihe ritihatiriye gutangaza ibintu vyamarementanye biryanisha abarundi kubera bakora nkabipfuriza ineza ninyungu kugihugu cabo atarinyungu zaboba kavamahanga , nicogituma ba kavamahanga baciye babashavurira , haryaninkuko barikuvugango’ mwebwe ntinwadukoreyebeza ngokuko mwatumwe kuryanisha abarundi bidakunda.

  • Jewe ndatahura CNIDH kk bavugishije ukuri boba biyobagije ivy’ i Burundi . Ibuka wa mu MSD umutwe bawutoye muri komine Giheta, umutumba muri mwaro. Ubu rero barateye imbere kuko bagaburira inzirakarengane ayashushe, nimba mbeshe mumbarize abanya Mukoni

  • Mbega bosohera ivyegeranyo vyukuru gute, basazwe bakorana na Nkurunziza Peter mubwicanyi ndengera butungane!?, abanyagihugu turasavye nimfashanyo yarisazwe ihabwa CNIDH nihagarikwe vyihutirwa, kuko niyo gupfubusa ntacobayimariye, atarugukingirikibaba abicanyi. Nayukwisigura ivyo bazokwisigura bazobivanahe?, burya uwuronka umwanya wokwisigura abarumwere, kubera aba yarenganijwe, nayivyobavurwako nivyukuri nicogituma batazoronka ivyobisigurakoooooo.

  • none yakoriki aho mutumwanya ntimwarimuziko aramada gusa bironderera ntagitagaza kiriho barundi babareke bironderere amadayabo ntakindi

  • ibinyoma vyayo mashirahamwe twarabimenye.ivyo mwagirije kadafi vyibinyoma twarabibonye.uwo mwita NGO numwicanyi nareta yiwe tuzomushigikira guryo nyene.nimuza kuguvu fufate imipanga tugwane namwe.nkuko babagize somariya.ivyo muvuga NGO mwatoye ibiziga nibinyoma nimwe mwiza abobaja banyu ukuntu mwoshisjikara muteza umutekano muke mugihugu caca.niharambe iprona

  • nagatangara ibindi bari kuvuga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.