IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Umurwi CVR uvuga ko ugiye gutangura gushingurana iteka ibisigarira (...)

Umurwi CVR uvuga ko ugiye gutangura gushingurana iteka ibisigarira vyabahambwe mu binogo rusangi

Thursday 4 October 2018, by vianney

Mu kiganiro icegera c’umukuru w’umurwi CVR yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 4 Gitugutu umwaka wa 2018,Clement Noah NINZIZA yamenyesheje ko mu matohoza uwo murwi umaze kugira mu gihugu cose vyagaragaye ko hari ibisigarira vyinshi vy’amagufa y’abantu bimaze kwegeranizwa mu bibanza bitari bike.

Clement Noah NINZIZA avuga ico gikorwa co gushingurana iteka ivyo bisigarira hazokwisunga imico n’akaranga vy’Uburundi mu ntumbero yo kunywanisha abarundi.

Ico gikorwa co gushingurana iteka ivyo bisigarira vy’amagufa y’abantu bizotangurira muri zone Kamenge mu gisagara ca Bujumbura,i Mabanda mu ntara ya Makamba,i Bugarama mu ntara ya Muramvya hamwe no mu Kivyuka mu ntara ya Bubanza.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.