Abakora amatohoza ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU basavye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017 ko sentare Mpuzamakungu yotanguza amatohoza ku vyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu vyakozwe n’abari mu nzego za Reta.
Mu cegeranyo ca mbere uwo murwi wa ONU ugira amatohoza ku Burundi wasohoye, werekanye ko ivyaha vyakozwe na bamwe bari mu nzego z’igendereza, bamwe mu bajejwe umutekano n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi ari ivyaha bihohotera agateka ka zina muntu.
Mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’agateka ka zina FIDH, iryo shirahamwe rimenyesha ko ivyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu vyakozwe kandi n’abari mu mirwi irwanya ubutegetsi.
- Fatsah Ouguergouz arongoye umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi
Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi umenyesha ko wakoze amatohoza ku bijanye n’ubwicanyi ndengerabutungane, ihagarikwa ry’abantu hadakurikijwe amategeko, kw’inyuruzwa n’ihohoterwa n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu.
Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi umenyesha ko wakoze amatohoza ku bantu batari bake bahungiye hanze y’igihugu n’abandi bari mu gihugu, ariko ukemeza ko Reta y’Uburundi yanse ko uwo murwi ukorera ku butaka bw’Uburundi.
Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu yishura ku bibazo vy’abashingamateka yavuze ko ivyegeranyo bishikirizwa ku Burundi birimwo ibinyoma kuko bikorwa badashitse mu gihugu ngo babone ukuri.
- Martin NIVYABANDI,Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu
Mu ntumbero yo gukurikiranira hafi ivyegeranyo bikorwa ku Burundi, inama nshingamateka y’Uburundi yarashizeho umurwi ugizwe n’abashingamateka 12 ujejwe kwiga hamwe n’ugusuzuma ibivugwa mu cegeranyo ku Burundi c’inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu.
Mu bice bitandukanye vy’igihugu, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ari kumwe na bamwe mu bari mu nzego za Reta, aratunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyegeranyo bikorwa ku Burundi, bavuga ko birimwo ibinyoma.
Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi usavye Sentare Mpuzamakungu CPI gutanguza amatohoza, mu gihe kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017, Uburundi buzoba buvuye ku mugaragaro muri Sentare Mpuzamakungu y’i La Haye.
Des atteintes aux droits de l’homme ont également été commises par des groupes armés d’opposition, mais celles-ci se sont avérées difficiles à documenter. Et pourquoi les autres cas sont faciles à documenter?
La Commission a également collecté des informations relatives à des assassinats
commis par des auteurs dont elle n’a pas pu établir l’identité ou la responsabilité, comme
ceux du général Adolphe Nshimirimana. Et pourquoi les identités ou la responsabilité des autres crimes sont facile à établir?
C’ est amusant!!! Hari ba nyagupfa na ba yagukira !!!!! Ariko Imana Idaca ugwankunzi iriho!! Izotugwanira.