IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Urwaruka rwa CNDD-FDD muri kaminuza y’Uburundi rwagirizwa gukubagura abo (...)

Urwaruka rwa CNDD-FDD muri kaminuza y’Uburundi rwagirizwa gukubagura abo batavugarumwe

jeudi 17 Myandagaro 2017

Amakuru ava mu banyeshuri baba mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga Sud avuga ko ibikorwa vyo gukubagura abanyeshuri biba mu masaha yo ku mugoroba bwije, aho urwaruka ruri mu mugambwe CNDD FDD rutegera canke rugafatira mu bigo vya kaminuza ababa bariko barataha.

Ayo makuru nyene amenyesha ko igiteye amakenga abanyeshuri batari mu mugambwe CNDD FDD, ari uko bimaze kwibonekeza ko ababikorerwa ari abatari mu rwaruka rw’imbonerakure bakabwirwa ko ari ugukosora injavyi.

Abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga Sud bavuga ko mu gihe atacokorwa mu maguru masha, ibintu bishobora kumera nabi kuko n’abakozi ba kaminuza bamaze gutangura kwidoga ko bafatwa nabi, mbere bobo bakaba bategekanya no guhagarika akazi mu mwanya muto kugira berekane akababaro kabo.

Gushika ubu, abanyeshuri bamwe bavuga ko badatahura igituma mu buyobozi bwa kaminuza ataco baravuga kuri iyo nyifato y’abanyeshuri bari mu mugambwe CNDD FDD, urundi ruhande rukamenyesha ko bisiguritse kuko inzego zose zitwara kaminuza ziva mu mugambwe CNDD-FDD.

Abanyeshuri bagasaba ko iyo nyifato y’abanyeshuri bari mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD yohagarara kuko ishobora gutuma haduka indyane mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi.

Ku ruhande rw’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD muri kaminuza y’Uburundi, umwe mu ndongozi z’urwo rwaruka twagerageje guhamagara kugira agire ico ashikirije, ngendanwa yiwe ntiyitaba.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.