IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uwundi munyeporitike yatahutse mu Burundi

Uwundi munyeporitike yatahutse mu Burundi

lundi 6 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Félix NDAYISENGA, yigeze kuba ariwe aserukira Uburundi mu gihugu c’Ububirigi yatashe mu Burundi, akaba yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana.

Félix NDAYISENGA yahora ari mu bagize urunani CNARED, akavuga ko amaze umwaka avavanuye n’urwo runani, kuko atashimye ingene rukora. Yari amaze imyaka ibiri n’amezi atatu adahonyoje ikirenge mu Burundi, akavuga ariko ko itahuka ryiwe ataho rihuriye na poritike.

Uwo yigeze kuba aserukira Uburundi mu Bubirigi atahutse inyuma y’aho hari n’abandi banyeporitike batatu nabo bagarutse mu gihugu c’amavukiro yabo bava mu Bubirigi. Abo nabo akaba ari Alice NZOMUKUNDA yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Mathias BASABOSE hamwe n’umushingamateka Joseph NTIDENDEREZA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.