IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi yahinduwe

Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi yahinduwe

mercredi 26 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko yemeye uwashinzwe amabanga y’ukuba umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi. Uwo yashinzwe ayo mabanga na ONU ni Michel Kafando, akaba yahoze arongoye Reta mfatakibanza ya Burkina Faso.

Muri Reta y’Uburundi bavuga ko bemeye uwo afashe ikibanza cahoramwo Jamal Benomar, mu gutorera umuti kw’izina rya ONU, ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

JPEG - 232.2 ko
Michel Kafando yahoze arongoye Reta mfatakibanza ya Burkina Faso

Reta y’Uburundi ivuga ariko ko itararonka urwete nyezina rwemeza iryo genwa ariko ko yatanze uburenganzira kw’igenwa rya Michel Kafando.

Reta y’Uburundi yaheruka kwandikira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, imenyesha ko itagishaka kubandanya gukorana na Jamal Benomar, umuhuza yashizweho na ONU kugira akurikirane ibibazo vya poritike y’Uburundi.

Imyiyerekano yaratunganijwe kenshi mu Burundi, abari muriyo bakaba aho hose biyamiriza uwo aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagiriza ko ahengamira ku ruhande rumwe rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Michel Kafando w’imyaka 75 yabaye umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso, kuva mu 2014 gushika mu 2015.


IGIHE

Messages

  • Aho Rero Ndabona Igihugu Kigomba Kije Kumurongo Uryamugabo Asubiriwe Niwe Yaracishe. Reka Tubirorere.

  • Aho Rero Ndabona Igihugu Kigomba Kije Kumurongo Uryamugabo Asubiriwe Niwe Yaracishe. Reka Tubirorere.

  • Nashike Arik Ntaz Aje Gukorer Aba Koroni Amenye Kuburundi Ari Igihugu Cikukiye .Niyaza Avyonga Naw Tuzomwiyamiriza:.(twishakira Amahoro)

  • Leta y’icaduka izokwama isuka imbonerakure mumabarabara ngo yiyamiriza intumwa za ONU, Ububiligi gushika ryari!!! Ntimuzotangare basutse izo nterahamwe mumabarabara biyamiriza Imana kuko yabavumye!!! Ndahaye ikaze uwomuhumure kuko arazi ukuntu absnuagihugu ba Burkina Faso bikuyeko intwaro yagahotoro yabatoteza nkiyi y’icaduka iri mu Burundi

  • Ndabarahiye, nuwo ntibuca kabiri batamwiyamirije !

    Mack sky, Onyanga, .....

  • DD yasuzuguje u Burundi,agakomye kose ngo twipfuza umuhuza uyunuyu none nka Peter Nkurunziza amaze iki nimba atari Sebarundi?

  • Mwebwe aba dd mwarabuze ihero ry’imiti nubu reka azoba adakize gushira ahabona amabi mukora muzoca muvuga ko mutamushaka ejobundi mwariko murishima Ngo Obama arabavuye kwizosi Ngo trump azobashigikira murayo mafuti yanyu none niwenimero yambere mukubakoma urutoke mumutwe ahubwo ndarindiriye aho bukera ko muzoshira izo mbonerakure zanyu mumukeza kuvyabavugako kuko ubuwe ntangorane muramwera gusa ngayaoni yagumye ibisembereza kuko akokarwi kanyu kadateshejwe Ngo gate ntantumwa ya oni izogenda imaze kabiri ngaha muburundi nubwo bubegito bwanyu

  • Naho baguma banka ONU,nibamenyeko Petero Nkurunziza,akiri kubutegetsi uburundi ntamahoro kuk barya bantu bishwe bamwiyamiriza amaraso yabo imbere y’IMANA arataka,amahoro yoheza akayakurahe.

  • @tororo.None MAPROB mwahora muririmba iri he? Coup d’etat ni gute? Imyiyerekano? Ubu noneho ngo murindiriye inama y’abakuru bibihugu bya East Africa!!----!!!---.

  • Ndemeye ya Leta irakomeye, iruhutse imweguye. Mugabo birumvikana none utumwe murugo rw’umuntu akakwuyamiriza ni ngombwa umaramare utahe.

  • Ikibazo c’iburundi kizotorerwa umuti nabarundi bonyene si ONU canke UE

  • BENE DATA NUBWO MWISHIMYE KURUYO MICHEL KAFANDO ;NTANAKIMWE KIZOVAMWO ,NTAMAHORO TUZORONKA ; ABATEGUYE GUTEMBAGAZ’UBUEGETSI BJDAFASHWE ’ NIBO BARINYUMA YINKOZI ZIBIBI VYOSE MWUMVA CANKE MWIBONERA . KERA ABARUND BAVOMESHAMAZI AMATEGANO YINKA , CANKE IGISABO . IVYO NTIBIGIKORA NABO NTIBAZOSUBIRA GUTEGEKA .TUJIMBERE NTIDUSUBIRINYUMA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.