Willy NYAMITWE : "Igihugu c’Uburundi ni nyabagendwa"

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 27 Rusama 2017 saa 01:35
Yasomwe : 34416
0 0

Abategetsi b’Uburundi bavuga ko ihiganwa "Bujumbura Peace Run 2017" ryabaye kuri uwu wa gatandatu ryerekana ko Uburundi burimwo amahoro, ko inkuru abantu bagiye bararonka kuri ico gihugu atarizo, kuko benshi bibaza ko Uburundi butari mu mutekano.

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko ico gikorwa categuwe n’abantu bigenga atawutogishikigira kuko kivuga amahoro. NYAMITWE asaba abahunze Uburundi ko botahuka kwubaka igihugu cabo.

"Abari hanze y’Uburundi bomenya ko hariho ingendo igayitse y’ugucapfuza igihugu c’Uburundi. Ntituri igihugu ca mbere gicapfujwe, hariho n’ibindi. Ariko igikuru ni ukumenya ko igihugu c’Uburundi ari nyabadendwa. Nibaze mu gihugu c’Uburundi bashobore kucubaka. Hari abatanguye gutahuka, n’abandi twobabwira ko boza."

JPEG - 125.8 ko
Willy NYAMITWE

Ihiganwa "Bujumbura Peace Run 2017" ryabaye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Rusama 2017 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE. Iryo higanwa ryatangujwe icese n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, rikaba ryari ryitabwe n’abategetsi batandukanye : Abashikiranganji, abashingamateka, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaje bava mu bihugu vya Kenya, Uganda, Tanzaniya, n’abandi.


Kumenyekanisha

1
kanyaruguru 27-05-2017 à 23:54

Ahendande? Nawe nyene aheruka guhakwa kwicwa, gushika aje kwivuriza USA!!!!!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha