IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amakomite y’umutekano agiye gushingwa mu gihugu cose

Amakomite y’umutekano agiye gushingwa mu gihugu cose

dimanche 29 Ruheshi 2014

Mu nama yahuje abarongoye ibisata vy’umutekano mu ntara ya Karuzi irongowe n’umukuru w’igihugu, basanze umutekano wifashe neza naho utugorane tw’indyane zitandukanye.

Nk’uko bivugwa na Gervais Abayeho, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu gushigikira umutekano kurusha, hagiye gushirwaho amakomite y’abantu batandukanye bazofashanya n’abandi mu gisata c’umutekano mu gihugu cose. Abandanya avuga ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye abajejwe intwaro kuza baratanga ivyegeranyo vy’amanama y’imigambwe, ndetse bakavuga n’imvo zishobora kuba zatumye bamwe batemerewe kugira amanama.

Mwomenya ko mu gisata c’umutekano, muri uku kwezi kwa Ruheshi gusa, abakenyezi batatu aribo bagandaguwen’abagabo babo mu ntara za Kirundo, Cibitoke na Bururi, aho umwe muri abo bakenyezi ari umuporisikazi yishwe n’umugabo wiwe mu ntara ya Bururi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ngo rero ayo ma komite azoba agendereye iki!?Murashobora kuba arimwebwe muhungabanya umutekani w’abanyagihugu hanyuma ngo amakomite yo kuwuncunga!Ayo ni amanyanga muyandi yo kugira mukomeze murondera aho mucisha mugusesagura itunga ry’igihugu.Ayo makomite se abure kujamwo imbonerakure gusa!Ari nazo zihungabanya umutekano w’abanyagihugu.

  • Wewe ntiwumva ko bashaka ingene ya milice yabo yidegemvya ngo nama komite yimitekano.nibababuze kuwuhungabanya gusa murabe ko bidaca bikunda kubaho. nayo ibindi nibareke kuduhenda kuko ntabandi bazoyijamwo atari iyo milice.

  • Ngiyo yangwano ya Peter bota wiburundi!!!! Nta bajejwe umutekano bakiriho, zambonerahafi zikore. karabaye ikibwirwa nicumva icerekwa nikibona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.