IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gutembagaza ubutegetsi barengutse ku ncuro ya gatanu

Abagirizwa gutembagaza ubutegetsi barengutse ku ncuro ya gatanu

lundi 4 Nzero 2016

Indwi muri 28 bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 barengutse ku ncuro ya gatanu muri Sentare y’icese yashashe mu ntara ya Gitega.

Urwo rubazna ruburanishwa na Sentare ntahinyuzwa ishashe muri Parike ya Gitega. Mu barengutse harimwo General Cyrille Ndayirukiye afatwa ko yari icegera ca Godefroid Niyombare yari arongoye umurwi w’abasirikare n’abapolisi bashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu umwaka w’2015.

Mu bandi barengutse harimwo General mu gipolisi Zenon Ndabaneze,General Juvenal Niyungeko batazira Kiroho, Gen Helmenegilde Nimenya na General Prime Ngorwanubusa yahoze ari umunyabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano.

Bose bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegesi, kwica abasirikare n’abapolisi, no gusambura inyubako.


IGIHE

Messages

  • Mbe Yemwe Imana Nitabare Ubundi Burageramiwe Umuntu Wese Azire Umugambwe Arimwo? Ese Mana Bikore Utabare Abantu Bararushe

  • mbega .uburundi buzoronka .amahorokushika kumperayiboharika .irwano

  • Nibarekure abo bashingantahe bagomba kugarukira igihugu ngo gisubire kirangwemwo umutekano,naho mu Burundi ntabutungane buhari hari ubucamanza gusa

  • jw Kubwiwanje nvuga anti:" ubutungane nibukore ataho buhengamiye kugirango abagigwa nicaha bahanwe namategeko. abataco bazira barekugwe batahe kureba imiryango yabo":

    haribenshicane haba muburundi canke mumakungu. bibaza igituma igisirikare cuburundi. aribitumwako. mubijanye nintambara. raba igituma musi:

    nikubera. ubu igisirikare cuburundi. kigizwe. nimigwi itatu:

    1 umugwi. wambere nuwanyakubahwa nyakubahwa. aghato gwasa rero uwomugwi. wagwanye imyaka irenga 20 imbere yuko uja muri reta.

    2 umugwi wakabiri nuwanyakubahwa nkurunziza petero akaba numukuru wigihugu cuburundi. wagwanye imyaka irenga 12 imbere Yuko ushikra igihugu cuburundi.

    3 umugwi. wagatatu numugwi. wabasirikare. bari basanzwe muri reta. ya. buyoya. imbere yuko kiba igisoda kimwe

    rero ubu iyomigwi. yose yabaye igisirikare. kimwe cuburundi. gifatanye munda kandi atarico gutamundasa mubijanye nintambara kikaba ari igisirikare ciyubatse kandi gikomeye bimwe vyagakondo.

  • abwo nifate agasenk kuzuy amaz babenenetse kumagara buvwe icociz bar bakorey abarundi na barundikaz izo ntuvwa zabuz gushan niry burende

  • ahubwo iyaba igihano c,urupfu kikibaho barikwicwa kuk ivyo bakoz ntibgir uko bingana, ubutungan bwakoz naho gufungwa ubuzima bwos

  • Nibahamwe Ukudahanimbwa kugwizimisega

  • twebwe twaracecetse gusa agahimbo gahimbura intini ngiyindi izomera kand nkurunziza ndibaza ko atazopfa

  • Ubwenge Bwari Bwabasize Kwiyumvira Gutembagaza Igihugu Nibareke Nkurunziza Yitwarire Yarabarushije Umutwe Yazanye Amahore

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.