IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahungiye mu Rwanda bagiriza Imbonerakure kubatera ubwoba

Abahungiye mu Rwanda bagiriza Imbonerakure kubatera ubwoba

mardi 7 Ndamukiza 2015

Impunzi zirenga amajana 800 nizo zimaze guhungira mu gihugu c’Urwanda. Izo nazo, zivuga ko zitinya umutekano muke uterwa n’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

Abarundi rero babandanya guhungira aho mu gihugu c’Urwanda, bakaba barwiriyemwo abana n’abagore; bava mu makomine nka yose y’intara ya Kirundo n’amwe mu makomine y’intara za Ngozi na Muyinga. Bamwe muri abo banyagihugu bamaze guhungira muri ico gihugu c’Urwanda, bavuga ko Imbonerakure ziruka zambaye amababi y’imyumbati, zigahita zibatera ubwoba. Abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD bagaruka bakitwa Ibipinga, akaba aribo babangamiwe rwose, aho bagiriza izo Mbonerakure ko zivuga ko zizobapingura (Zizobica).

Mu rugendo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yagize aho mu Rwanda ari kumwe n’uwugufatana munda, bakaba bariboneye izo mpunzi. Amakenga abo bamaze guhungira muri ico gihugu bagaragaje, akaba ari umutekano muke bagiriza Imbonerakure ko zitera mu mihana iwabo. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu rero, akaba yemereye izo mpunzi ko abo bose badurumbanya umutekano w’abanyagihugu bagiye gufatwa, bagashengezwe. Ariko rero naho yari yasavye izo mpunzi ko zoca zitahukanw zigasubira mu mihana yazo, izo mpunzi zanse.

Mukamenya ko n’abandi babandanya guhunga, ariko kugeza ubu imbibe zikaba zicunzwe. Muri komine ya Bugabira, naho musitanteri waho yabibeshuje, abaho bo bavuga ko ahahora bahaca abahunze, ubu hacunzwe n’Imbonerakure za CNDD FDD, kandi hari n’abamaze gufatwa, bagasubizwa inyuma bari bahunze.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abategetsi bu Burundi nibo bishe igihugu cacu kuk izombonerakur nibo bazituma.iyab batazituma baba bazihanura zanse bakazihana.ark kuk babon ko ivyo zikora arivyo nicogituma zica igihugu barorera.

  • birabaj kuba abateza umutekano muke aribo barungikw ku mbibe gusubiza inyuma abahung ico ni icerekana ugushigkira abanyakibi" imbonerakure"

  • Kugira EMPERE Hima itangure guterimbere mubihugu vyomubiyaga binini ngonukunanza gucengetera mu Burundi ngobagafatira kumbonerakure ngokuko nabahutu biburundi bamaze kuzanka urunuka ngokuko abatutsi tuzokoresha bazozabarihatira kuvuga Imbonerakure kozigombakumara abatutsi ngononeho babanyamigambwe yi Burundi biganjemwo abahutu bacebakomeza kwibaza ngoturarose abadufasha kwemeza amakungu Ko ubutegetsi ni Imbonerakure arizibi.Noneho bace bakazanya kuguma bavugango Imbonerakure ziriko ziritegura kwica abantu. Ahorero bamwebishakira EMPIRE Hima bacebavugango ibintubirikobiragendaneza. Ariko nukobitoroshe gushikako iyabavyoroshe gushikako ndavugako babahutu biburundi bozakwisanga bagowerumwe nizo Mbonerakure basanzwe birirwa bararirimba ngoziragisibije, hanyuma iyonamenya igaheza ikisanzura mumitimayabo. Kuritwebwe abarundi twaridukwiye gufatira amasono kuvyabaye mugihugu kibanyi Rwanda aho imiganbwe yose itavugarumwe na reta yarihari yama isaniyereka ubutegetsi bwaribuhari komengo ihengamiye ku Nkotanyi ngokugira bace inguvu ubwobutegetsi, Inkotanyi zarabimenye Ko abashaka gushikira ubutegetsi murwanda bose bacababanza gusanabazishigikira ariko murazi icovyavyaye kohabaye irindimuka ryimivo yamaraso ryabene kanyarwanda, abatutsi abahutu,abatwa, nabandi, tutibagiwe na prezida wacu Ntaryamira, uwoshaka kumenya inyungu yabonetse canke igihombo mubagize uruhara mukuganbanira ubutegetsi bwurwanda bwimbere ya 94 yokwegera uwitwa Foustin Twaguramungu kugeranubu ivyakozevyose bisigaye bicabiboneka nkakagambane. Ndababwirako twoshimira Imana Ko abatutsi beshi biburundi bamazekumenyako kugira EMPIRE Hima ishoboke inganda zobanza gutikira kuko beshi baraziko kugira mu Rwanda habeho ububutegetsi bwiganjemwo abatutsi habanje gutikizwa abatutsi nabahutu nabatwa , ivyorero utarumuntu ukoreshwa na Satani ntiwobishigikira.

  • NONEIZOMBONERAKUREZABATEYEUBWOBAGUTE

  • NONEIZOMBONERAKUREZABATEYEUBWOBAGUTE

  • Njye ubungubu nagira bwire benewacyu babatutsi babarundi bakomeze iyonzira yokwirinda bamwe mubatutsi bahangaha iwacyu Rwanda, njye ubabwiribingibi ndumwe mubatutsi navukiye murwanda nongera ndahakurira arikubingubu ndimubuhungiro nyuma yogushigikira benewacyu babatutsi kukovyatumye abanjye bashyira none nanjye ngeze mubuhungiro. Nababwirango muritonda nkukomusanzwe.

  • Jewe Nibazakumutekano Wabanyagihugu Ujejwe Igiporisi

  • ahubwo n’abandi nibabakurikire,abo ni aba sans echecs babahenda nta mbonerakure,twarabahinyuye iryo rementanya ntawukirikurikira kiretse abatabazi,nabo ubuhungiro buzobkubita bazogaruka babazi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.