IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abajejwe umutekano bibukijwe igikorwa cabo

Abajejwe umutekano bibukijwe igikorwa cabo

samedi 31 Gitugutu 2015, par egide

Urunani rw’amashirahamwe yiyemeje kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA ariyamiriza imvugo y’ugucanishamwo amoko ikoreshwa n’umugambwe CNDD FDD. Muri ayo mashirahamwe bamenyesha ko ikibazo co nyene kiri mu Burundi ari ihonyangwa ry’ibwirizwa shingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha, bakibutsa abajejwe umuteno ko igikorwa cabo ari ugukingira abanyagihugu bose.

Inyuma y’amezi atandatu abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike atanguje isekeza ry’ukurwanya ikiringo ca gatau ca Petero NKURUNZIZA (Mouvement Halte au 3eme mandat), amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amenyesha ko ihohoterwa rya kiremwa muntu ryiyongereye, abantu barenga amajana abiri baragandagurwa, abandi barapfungwa, hamwe n’abandi bahunze igihugu.

JPEG - 58.5 ko
Vital NSHIMIRIMANA, arongoye urunani FORSC

Ayo mashirahamwe aranegura ingene ubutegetsi bwashaka gushiramwo amoko mu kibazo c’Uburundi, ayo mashirahamwe akavuga ko intango ya vyose ari ugushaka gusenyura intwaro rusangi hamwe n’ugusubiza hamwe kw’abarundi vyari bigeze ku ntambwe ishimishije, nk’uko tubikura mw’itangazo ayomashirahamwe yasohoye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 30 Gitugutu 2015.

Muri iryo tangazo, ayo mashirahamwe ariyamiriza ubwicanyi bukorwa, agasaba ko abibikora boshengezwa mu butungane mpuzamakungu.
Ayo mashirahamwe arashimishwa n’ingingo ziheruka gufatwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, ubumwe bwa Afrika, hamwe n’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ingingo z’ukuzofatira ibihano abagirizwa amabi ariko arakorwa mu Burundi.

Ku bijanye n’ibiganiro vyohuza abarundi, ayo mashirahamwe aremera umuhuza Kaguta Yoweri Museveni, agasaba ko ivyo biganiro vyohuza abegwa bose n’ikibazo ca poritike mu Burundi. Ayo mashirahamwe asaba amakungu ko yotahukana abasoda b’abarundi barungitswe kugarukana amahoro mu bihugu bitandukanye, kugira baze gukingira abarundi benewabo babandanya kwicwa.


IGIHE

Messages

  • asha weho vital turakuzi urarwaye mumutwe.bakure abasoda hanze bariko baricira amahera!ivyogushimira ayo makungu mbe nibobazobaha igihugu?tuzotuma twicane mpaka mugabo ntagihugu muteze.kuvuga ngo bakureyo abasoda barihanze,kowumva mu burundi abasoda bakingira igihugu atabariyo,zana bamwe banyu bari mu rwanda bifatire igihugu turabe.uwo muzuru ahuri hose no mu rwanda tuzogusangayo.turakuzi abantu wishe 1994,aho nta motif.

  • Nukuri uburundi bugeze habi nimurabe ico mwokora mumaguru masha uko mutinda niko tuguma duhekugwa reka amagambo@nimukore

  • Nukuri uburundi bugeze habi nimurabe ico mwokora mumaguru masha uko mutinda niko tuguma duhekugwa reka amagambo@nimukore

  • wew vital nkeka mumutwe waw warigeze guparangan mbe nibande bahamagariy abantu mumigumuko kugera homuturir abantu n’amapin?mbemwigirako mudaharanira ivyicaro vya politique mwahunzik?Garuk udedember mugihugu siyo kuzenyata wanyegez akogapoyongo ngonumutw

  • wew vital nkeka mumutwe waw warigeze guparangan mbe nibande bahamagariy abantu mumigumuko kugera homuturir abantu n’amapin?mbemwigirako mudaharanira ivyicaro vya politique mwahunzik?Garuk udedember mugihugu siyo kuzenyata wanyegez akogapoyongo ngonumutw

  • mwarahenze abanyagihugu,mubizeza ko umupango wo gukura mwawuhejeje none dore ibyo mwabakwegeyemo,naho mwe muri kwinywera ibiyeri atankomyi nabagore banyu nabana banyu. mwarahemukiye igihugu canyu kubera amahera ababiligi babahaga.

  • mwabonaga Nkurunziza yirirwa mubikorane,anatera umupira mukagirango nimuturira imipine urira abantu mukavuza amahoni yimiduga azoca yiru yiruka. uziko atabwenge mugira koko.

  • Ni babafatire ibihano vya ruhasha,kuko ayo mahera babaha niyo ya basajije.
    Namwe mwiye meje kurwanira agateka kabenigihugu nimukomere ntimuchikintege kubwibitutse mutukwa, Imana niyo nkuru. burya umunyakibi nta hazigera avuga umugororotse neza, namwe mwakomyinduru kubiriko birakorwa nabategetse babirukako.mukomere ahomurihose.

  • we vital, intambara mwatanguje izobananira kuko abanyagihugu baramaze kubahinyura, twarabonye icarigihetse iriya migumuko kwica guturira abahutu ngonimbonerakure!! nimusigeho hakirikare mutaraba babi...bugona burimaso!! urabona ukuntu muguma mukwegera abatutsi bomugisagara?? hama ngo murabakunda?? apuuuu ibirofa gusu..murakagorwa mwamishenzi mwe...

  • Mbe Mwabantu Mutuka Vital Ahubwo Mwirabe Nimwe Mugwaye Mumitwe Mbere Ndumva Muzohava Mwituritsa Kuberishavu Ninzigo Mwiteye Mwebwe Nyene Ubwanyu!!!! Ubu Amakungu Yabahagurukiye Muri Muyabira Nico Gituma No Mukuvuga Mutontoma Nkabatagirimitima!! Nimuwote Nimwe Mwawucanye!!!

  • we vital, intambara mwatanguje izobananira kuko abanyagihugu baramaze kubahinyura, twarabonye icarigihetse iriya migumuko kwica guturira abahutu ngonimbonerakure!! nimusigeho hakirikare mutaraba babi...bugona burimaso!! urabona ukuntu muguma mukwegera abatutsi bomugisagara?? hama ngo murabakunda?? apuuuu ibirofa gusu..murakagorwa mwamishenzi mwe...

  • Nukuri Dufashe Mudutakambire Mumakungu Nayo Abanyagihugu Turapfuye Nabi.Muga Natwe Turashima Ingingo Amakungu Na Karere Vyafashe.None Niyo Leta Yanana Kuja Mubiganiro Muzoca Mukora Iki?

  • Nukuri Dufashe Mudutakambire Mumakungu Nayo Abanyagihugu Turapfuye Nabi.Muga Natwe Turashima Ingingo Amakungu Na Karere Vyafashe.None Niyo Leta Yanana Kuja Mubiganiro Muzoca Mukora Iki?

  • EGOO! TWEBWE ABANYEPOLITIKE VYUKURI MWARI MWARATEVYE NIVYO BIGANIRO AHUBWO KWITARIKI IMWE MUNYONYO MUBITANGURE TURABEKO ABAPFA BOGABANUKA KUKO UMUNTU WUBU APFUYE IBUJUMBURA UMENGO NAKAMIZWE NINGOMA@

  • ngwingabo ishiririye?uragashirugenda!mbe mwa bikeha bweng mwe!ko babahend ngo ja kuras aha naha nimubatutsi mbe mugakinagir mbe mwibaz ko atarimw mwihekur mwibaz ko bary mwic bos arabatuts gusa?ko muz kurokombok gus mubon igihug kitabananiy gutwar mukibon?akatarets kab gasem kand ugutw kwimpen kumv kokej ni mutenyeny gat umut wany ukuziko!

  • ngwingabo ishiririye?uragashirugenda!mbe mwa bikeha bweng mwe!ko babahend ngo ja kuras aha naha nimubatutsi mbe mugakinagir mbe mwibaz ko atarimw mwihekur mwibaz ko bary mwic bos arabatuts gusa?ko muz kurokombok gus mubon igihug kitabananiy gutwar mukibon?akatarets kab gasem kand ugutw kwimpen kumv kokej ni mutenyeny gat umut wany ukuziko!

  • Sha barabavuzepee ko abatutsi mwikunda ntibabeshe

  • Hahaha. Imvugo idahumuriza si nziza. Ico mwamenya nuko uwupfa wese yaba umuhutu canke umututsi n’umurundi kandi igihugu kiba gihomvye. Mushire hamwe rero mwumvikane birangire. Ni bidakorwa uko mwese muzobihomberamo kuko abahutu n’abatutsi bose bazopfa.

  • Mwabanyagwanda Mwe Ntimusubire Kwivanga Muvyuburundi Kuko Uburundi Sigwanyu Ahomutanga Ivyiyumviro Mwandika Ikinyagwanda Mwibaza Kotutababona Abarundi Tubahanze Amaso Ntacomuzokora. Vitari Nawe Ngirango Ntarabona Uwapyuye Naze Abivugire Muburundi.

  • abavug’imana kwariyonkuru nikomuyikunda?uburyarya bwa ba rundi turabuzi ariko yyo iratuzi wigir’umukunzi wabarundi wareka iratuzi ntihaniraho.

  • Turabashigikiye.Mukomere Kuco Mwiyemeje.

  • YOOO!!!!!EWE MANA TABARA ABARUNDI MU BURUNDI NTA GONOCIDE NAMBA NINDA NDENDE GUSA NIYO IDUTEYE INGORANE.ABO BASIRIKARE NABO B UBURUNDI BARI HANZE BAREKE BICIRE UTWO DUFARANGA BOBO NINTUNGANE IMAN IBAHEZAGIRE..,..

  • Nimukomeze kubabesha mubaha izo nkoho hanyuma ngo barahohoterwa kandi arimwe mubabesha nukuri abakera bati igihinda gihinda amavyi bitajana namwe mubaha inkoho nama grenade naza rocket mugaca mwigira mububirigi no murwanda mukiraramirayo hanyuma ngo barahohoterwa mwebwe muri ibivume.

  • Mbe nkabo ba vitali bavugango cnddfdd ngo niyo izana ivy’amoko,yibagiye ko tuziko hari abatutsi bagiye mu migumuko bavuga ngo intwaro z’abahutu barazirambiwe,ivyo navyo atuyagirango aabapolisi ngo ariko arabibutwa ivyo bajejwe,nagende abaze muri etats unis niho azomenya ingene igipolisi cigenza imbere y’abasazi,làazobonako abacu atakazi bazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.