IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abamenyeshamakuru bakinyi b’Abarundi bazokwitaba urukino mu Rwanda

Abamenyeshamakuru bakinyi b’Abarundi bazokwitaba urukino mu Rwanda

jeudi 4 Kigarama 2014

Umurwi w’umupira w’amaguru ugizwe n’abamenyeshamakuru b’Abarundi uzofata urugendo ruzowushikana mu Rwanda kwitaba urukino kivandimwo na bagenzi babo bo mu Rwanda.

JPEG - 432.1 ko
Abakinyi b’Abarundi bari mw’ishirahamwe AJSB

Mu ntumbero yo kwunga ubucuti, guhanahana ubumenyi no gushigikira amahoro, abamenyeshamakuru bakinyi b’umupira w’amaguru b’Uburundi bahurikiye mw’ishirahamwe (AJSB), bazokwitaba urukino rwa kivandimwe mu Rwanda. Urukino ruzoba ari urwo gusubiza.

Urukino rwa mbere rwabaye kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro ku kibuga citiriwe umuganwa Rudovoko Rwagasore. Urukino rwaheze imirwi yose inganya igitsindo kimwe cinjiye mu gice ca kabiri c’urukino.

Urukino rwo gusubiza ruzoba k’umusase w’uwo wa gatandatu igenekerezo rya 06 Kigarama ku kibuga citiriwe Amahoro mu Rwanda. Umurwi w’Uburundi uzofata urugendo aho bukera kw’igenekerezo rya 05 Kigarama. Imirwi yose yaragize imyiteguro ihagije kubera ishaka ryo gutsinda ku mirwi yose.

JPEG - 432.1 ko
Abakinyi b’Abarundi bari mw’ishirahamwe AJSB

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.