IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abagiriza Béatrice Nyamoya ukugumuka ntibaserutse

Abagiriza Béatrice Nyamoya ukugumuka ntibaserutse

lundi 27 Nzero 2014

Inyuma yaho yagirijwe ko ari mu bantu boba batuma haguma akajagari hagati y’abaporisi n’abanyagihugu badandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, mukuba ariwe yoba abaha impigi yo guhangana n’abajejwe umutekano, umupfasoni Béatrice Nyamoya yasubiye kurenguka muri BSR (Bureau Spécial de Recherche).

Igiporisi carumvirije ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 24 Nzero, inyamiramabi zikamubarira ko hari abazoza kumwagiriza ko yabategetse kudakurikiza amategeko, bakama bahanganye n’abajejwe umutekano, ivyo bise kugumuka no kugumura. Kuri uwu mwa mbere igenekerezo rya 27 Nzero, uyo mupfasoni yitavye isango yari yahawe, ariko akaba ata n’umwe yabonetse muri ivyo vyagiriji yabariwe n’abariko baramubaza aribo Annicet Hakizimana na Therence Sabushimike.

Umupfasoni Beatrice Nyamoya

Umushingwamanza wiwe Remesha Semanzi yaciye yisunze zimwe mu ngingo, mu kwerekana ko inyamiramabi za BSR zidafise uburenganzira bwo kuguma bakurikirana umupfasoni Nyamoya Béatrice. Aho bakaba bisunze zimwe mu ngingo z’amategeko, ko uwo mupfasoni afise uburenganzira bwo kutabazwa n’inyamiramabi izarizo zose, na rirya yigeze kurangura amabanga akomeye, akagenwa muri ayo mabanga kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu (Décret Présidentiel), ivyo bikaba bisigura ko, inyamiramabi za BSR zidafise ububasha bwo kubandanya bumubaza, ari naco gituma ukwo kubazwa kwaciye kurangira.

Amatohoza rero agashobora kuzogirwa n’abandi bacamanza babifitiye ububasha. Umupfasoni Nyamoya Béatrice, akaba yari yaherekejwe n’abantu isinzi, benshi muri bo, bakaba bari abapfasoni basanzwe badandaza ivyamwa mu gisagara ca Bujumbura. Abo nabo, bakaba badasiba kwakwa ivyo badandaza n’abaporisi. Bamenyesha ko bari baje kwirabira abo bantu bagiriza imigumuko umupfasoni Béatrice Nyamoya asanzwe ari mu baharanira agateka k’abakenyezi mu Burundi.

Semanzi Remesha aburanira Nyamoya Beatrice

Alida Sabiteka & Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.