IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abantu 14 bahitanwe n’igisasu caturikiye i Baghdad

Abantu 14 bahitanwe n’igisasu caturikiye i Baghdad

dimanche 24 Mukakaro 2016

Abajejwe umutekano hamwe n’abaganga bavuga ko abantu cumi na bane bishwe abandi barenga mirongo ibiri barakomereka igihe haturika igisasu i Baghdad muri Irake.

Umwiyahuzi yaturikirije ico gisasu mu kibanza abajejwe umutekano basaka abinjira mu musigiti mukuru w’Abashia, mu karere ka Kadhimiyah.

Abajejwe umutekano baciye bongerezwa, barakaza kandi kurereka abarengana mu bindi bice vy’umurwa mukuru Baghdad, nk’uko tubikesha BBC.

Nta mugwi n’umwe uriyitirira ico gitero.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.