IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamakuru bagiye kuza barahanahana amakuru n’inzego z’umutekano

Abanyamakuru bagiye kuza barahanahana amakuru n’inzego z’umutekano

mercredi 27 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’abakenyezi AFJO ryatunganije inama kuberwa n’ibibazo vy’umutekano, kugira barabire hamwe ukungene hoba uguhanahana amakuru hagati y’abajejwe umutekano n’abamenyeshamakuru mu mugambi bise (reforme du secteur de la securite).

Abamenyeshamakuru baraho, barumvirije uko ibintu bimeze muri kino gihe ku vyerekeye gushira mu ngiro uwo mugambi RSS, mu bushikiranganji bubijejwe bongera, baranamenyeshwa uruhara rwabo mu kugira uwo mugambi ukunde uranguke. Mw’ijambo ryo kugurura ivyo bikorwa, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru Frederic Singejeje, yamenyesheje ko uwo mugambi wari usanzwe uri mu masezerano y’i Arusha yo kunywanisha abarundi mu mwaka w’2000, hamwe no mw’ibwiirizwa shingiro ry’abarundi ryo 2005. Yamenyesheje ko mu gisata c’umutekano hamaze kubamwo impinduka nyinshi zitegerezwa kumenyeshwa abari mu bisata bitandukanye vy’igihugu, hamwe n’abanyagihugu kugira babigire ivyabo.

Sigejeje Frederic yabandanije amenyesha ko igisata c’umutekano kikiri mu bintu bidashikirwa cane n’abamenyeshamakuru ku mpamvu y’uko banyene kubika ayo makuru bayimana, ngo yohava ahungabanya umutekano. Yaronkeye ho akaryo ko kumenyesha ko ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bunezererewe, ko bari kumwe n’iryo shirahamwe ry’abakenyezi bagiye gufashanya mu guterera agacumu k’ubumwe kuri uwo mugambi RSS ku bamenyeshamakuru b’abarundi.

Ku bwa Christophe Maganga , yaje aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, yamenyesheje ko umutekano udahariwe inzego z’umutekano gusa, ahubwo ari uruhara rwa buri muntu wese. Yahamagariye abamenyeshamakuru gusubira kuja hamwe, muri uyo mugambi wo guhananahana amakuru n’inzego z’umutekano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.