IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeporitike barasubira guhurira hamwe basuzuma urupapuro rw’inzira

Abanyeporitike barasubira guhurira hamwe basuzuma urupapuro rw’inzira

samedi 17 Rusama 2014

Mu kigo BNUB bizera ko inama itegekanijwe ku munsi wa kabiri yo kurabira hamwe n’ugusuzuma ivyo Reta n’abanyeporitike bari biyemeje muri rwa rupapuro rw’inzira ari akaryo ko gusubira gufata ingingo.

Inyuma y’inama yabaye mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze, ku mwaka umwe gusa, imbere y’amatora azoba mu mwaka w’2015, i Bujumbura haratunganijwe inama hagati y’abanyeporitike na Reta yo kurabira hamwe ivyo bari biyemeje muri rwa rupapuro rw’inzira mu ntara ya Kayanza.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Parfait Onanga Anyanga aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, arashimira abanyeporitike b’Uburundi bashize imbere ibiganiro, kuko ari ikintu gikomeye mu ntwaro rusangi. Parfait Onanga Anyanga avuga ko yiteze ko muri iyo nama abanyeporitike bazosubira kugira ivyo biyemeje gushasha, nk’akarorero ko bamwe baziyemeza kudasubira guhohotera abandi kuko badasangiye ivyiyumviro vya poritike, kuko ata n’umwe yari akwiye kugira ubwoba canke akabura umwidegemvyo kubera umugambwe ahurikiyemwo, canke ahorwe ivyiyumviro vyiwe.

JPEG - 3.1 Mo
Parfiat Onanga Anyanga

Ku cuka naco gihari imbere y’amatora, Parfait Onanga Anyanga avuga ko kitari gikwiye gutangaza abantu kuko akenshi haba mu Burundi no mu bindi bihugu vyama bikunda gushika iyo amatora yegereje, ariko agasaba abanyeporitike kurengera inyungu zabo, bashire imbere ineza y’igihugu.
Muri BNUB bakizera ko umwumvikano waranze abashingamateka mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe ariwo uzoranga uwo munsi w’ibiganiro hagati y’abanyeporitike na Reta. Onanga Anyanga yongeye gutumirira abarundi kwirinda ico cose cotuma bacanamwo.


Floxella Karire

Messages

  • Reka reka ukwo nuguhuma amaso amakungu kuko ivyo bavugana vyose bisigara harya.umugambwe uri kubutegetsi waratanguye kwiyamamaza arko iyindi ngo nukurindira CENI itange uruhusha.umukuru w,umugambwe mu nama barimwo yasavye ko bogira intonde zabemerewe gukoresha ama nama budakeye kabiri umwunganirizi wa Dwarudo yabisubiyemwo ukwo nyene.nimitego batega abo batavuga rumwe.

  • jewe ndatangazwa cane nabanye politique ukuntu baba barize bashoboye gukora ubuzi bwinshi ariko bakiha intumbero n’ingendo mbi yukudandaza akarimi kuzuye ibinyoma gusa kugira ngo bashikire ubutegetsi,baduhenda ngojewe nohaja nokorera abarundi birya nabiriya nayoshwi ikimenya menya atavyo yopfa akozemugihe yohashika nububeshi bakoresha mukurondera izonyungu mbere gushika yaho bacafuza igihugu cabo, bataka abanyamahanga abazungu atarukundo namba bafitiye ibihugu vya Africa. ama Leta yose yagiye arahaca ntanimwe yigeze ikora nkivyo ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwakoze ntanumwe yari bwarengwe mukugira insubordination gushika nokumukuru w’igihugu ngwagume yijandajandira nkuko ndabibona, ndabarahiye CNDD-FDD izobatwara gushika ishize mungiro vision 20-25 kandi mukoma induru ukwonyene. Abirirwa baciryanino nabo bagomba kudusubiza muntambara barawucana bazowota ,hariho abazi iyigihugu cavuye batazigera bavyihanganira numusi umwe ndabakure kunzira abahendwa ngobagomba gushinga ibiroberi vyukurwanya uburundi nabifuza gukamisha akajagari kugira bibe gusa ahandiho ninzira idashika ntaburundi buzosubira kubamwo rebellion ntibibaho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.