IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 412 bo muri Kaminuza y’Uburundi birukanwe

Abanyeshure 412 bo muri Kaminuza y’Uburundi birukanwe

lundi 15 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bagera ku 412 bo muri Kaminuza y’Uburundi birukanwe mu mwaka w’ishure w’2015 ushira uw’2016. Ingingo y’ukwirukana abo banyeshure yafashwe n’umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi.

Iyo ngingo y’ukwirukana abo banyeshure ivuga ko bahowe ko batubahirije akamo bari batewe k’ugusubira kw’ishure, inyuma y’iminsi bari bamaze bari muri yegereyegere biyamiriza ibisata bishasha bahawe mu ndinganizo y’ivyigwa. Abo banyeshure bavuga ko ivyo bisata bishasha bitabaha uburenganzira bw’ukwigisha, mu gihe bahejeje ivyigwa.

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi buvuga ko yegereyegere y’abo banyeshure idasiguritse, bakagirizwa ko banse gushira mu ngiro ivyo bari basabwe ko bosubira mw’ishure.

Abo banyeshure birukanwe bavuga ko batangajwe n’iyo ngingo bafatiwe y’ukwirukanwa, bakavuga ko batanse kwitaba akamo batewe, ahubwo ko bamwe muribo bari bamaze gusubira iwabo mu gihugu hagati, bari bakirondera uburyo bwo kwiyunguruza, kugira bagaruke kw’ishure kuri uwu wa mbere. Ico basaba akaba ari uko bokwumvirizwa, kugira ibibazo bafise bitorerwe inyishu


IGIHE

Messages

  • Nibako intabarigwa ibarigwa nukwamaso atukuye bibaza kwarumujejeto nkabashebuja bishinga mukirere ntibambaze

  • Nibabarek.Noneko Grève Itoba Ngobagum I Buja Barya Amahera Atanayo Bagira Kandi Na Bourse Baca Bayihagarika.

  • Nzamuragabanya gucengacengana na reta bana ba data namama, kuko reta ushobora kuyitesha umutwe bigatuma idaterimbere ariko nribibuza kwabayikorera bashobora gukomeza gutera imbere, ariko wewe kwishure ryawe ntanumwe aheza ngwazoguhe amanota ngunuko watesheje umutwe reta canke ngwaguhe urupapuro rwumutsingo.
    Reka nanje ndabagirize komwabeshe nisunze ahomwavuze ngo mwarimukirondera kuburyo bwogusubira kwishure Jewe numva mugihe mwarikubamwumvise bababwiye igihentarengwa ayomajambo nihomwarikuca muyavuga ariko akabanzirizwa nokuvugako mwiteguriye gusubira kwishure mukacarero muyashirako kandimutibagiwe rwarupfasoni basokuru nabasogokuruza baturaze.
    Muvyukuri nisunze nakajambomunyujijewe ngo murasaba kwumvirizwa nakonyene karabaranga komwabeshe mutigezemwemera akamumwatewe ahubwo kerekananeza komutarava kwizima.

  • barajujus pe! Twbw twarahatsw kuhasiga ubuzma ng twakongatay!twiyemeza ng harikizovamwo! Kumbur dupf kwiga vys bizohra petit a petit.

  • UMUNYESHURI AZOSAMARA NTAMBAZE AKONAKAYUNGIRO BAGOMBA BABA PIME

  • NIMUBALEKE BASUBILE KWIGA NONE BAZOBA ABANDE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.