IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanywanyi 21 ba MSD baciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwabo (...)

Abanywanyi 21 ba MSD baciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose

dimanche 23 Ntwarante 2014

Urubanza rw’abanywanyi 70 b’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) rwasomwe na sentare rubamba. Mirongo ibiri na babiri bambitswe izera, abasigaye bahanishwa umunyororo n’amande, harimwo n’abazopfungwa ubuzima bwabo bwose.

Sentare rubamba ikukira parake nkuru ya Mairie ya Bujumbura yarafatiye ibihano abanywanyi b’umugambwe MSD, bamwe bakaba bari bafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo mu mishamirano y’abo banywanyi hamwe n’abaporisi kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Abandi banywanyi muri abo bafatiwe mu mihingo itandukanye, bagirizwa ko boba bari inyuma y’imigumuko yatumye abanywanyi n’abaporisi bakomereka.

Muri abo 70, abagera kuri 22 nibo bambitswe izera, 21 bacirirwa igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose. Abandi cumi baciriwe umunyororo w’imyaka cumi n’amande y’ibihumbi mirongo itanu, abasigaye nabo bagera kuri cumi na bane bacirirwa umunyororo w’imyaka itanu n’amande y’ibihumbi mirongo itanu nyene. Abagera kuri batatu batari bwakwize imyaka cumi n’umunani bahanishijwe umunyororo w’imyaka itatu.

Mwokwibuka muri abo banywanyi 70, abagera kuri 48 batigeze baburana, kuko bari basavye ko abashingwamanza babo bohabwa umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, abandi nabo mbere bakaba bavuga ko batararonka abababuranira. Umushingwamanza Prosper Niyoyankana, umwe mubaburanira abo baciriwe urubanza amenyesha ko ari akamaramaza kubona sentare yihutira gufatira ibihano abapfungwa bataraburana.


Egide Nduwimana

Messages

  • Komera bavukanyi. Turi kumwe. Mubandaye mugarariza iyo twaro y’igikenye. nta misi ishigaje. La révolution est en marche.

  • Ubutunganebwo mu BURUNDI burimaramaza mumakungu harumuntu tubana hafi ambajije kwabo bantu bakoze Genocide kuko ntiwoha igihano nkico umuntu ataco yononyi ngonuko agize imyiyerekano , none bagize Genocide bobaha igihano giki ? Umucamanza w’umufaransa aheruka gusabira igihano umunyarwanda afungiwe mu bu Faransa kubera kugira ihonya bwoko imyaka 25 nikubera atazi amategeko ?

  • Jewe ico nsaba abatutsi niki,nuko mwohindura ingendo ukamenya kwigihugu ariciwacu twese atanumwe avuyemwo,mwarimenyereye kuva kera,ntivyunvikana muvyo muvuga vyose vyerekeranye nuru rubanza,muta amakosa kuri L,Etat gusa.none abo banywanyi ba MSD barera?,jewe nvuga nti ntibera,kandi na lEtat ntiyera,muga ico abobanwanyi bomenya nuko LEtat ari L,Etat,kandi iba yemewe nabayitoye.haje rero umuntu nka SINDUHIJE agashaka gushiraho iyindi L.Etat iri pararelle na L,Etat iba ihari.ntakundi nuguca mwemanga ivyo vyabashikiye,nicogituma L,Etat irafise uburenganzira bwogufunga,ariko MSDntabwo ifise.mwemere rero mushier aho intahe yashije,canke mwunguruze urubanza,ariko abo bagumutsi badakosowe hoca haba akamenyero kabi kokwama bagarariza ubutegetsi,nibahanwe goose caaane,bazofungugwe inyuma y,amatora kuko bohava badutobera amatora inzo ntunva,nabandi nimwikebuke canecane ikibiri,musigaye mushaka kurenza urugero.mugiriye inzigo abari kubutegetsi nabo babagirira iyindi.none mwunva twohava tugashikahe,kina politique atanzigo mushizemwo banye politique buburundi.

  • Abobacamanza ntavyobazi nabicanyi baramenyeye kunywamaraso

  • Reka bafugwe imyaka iyo bashoboye kuvyo bakoze .iyisigaye ireze kuvyaha bakokoze ifuhugwe banyina babo bayibaciriye ntabutugane hari umwuvikano muburundi komera benewecu DD kubutugane bwanyu

  • Rutovu uri gito pe kandi utey’isoni!!Wabuze ivyo wandika ntusubire kwandika amacakubirigutyo!!Kuko abo bahutu uvugira ntitwagutumye kandi n’UBUHIMBIRI intwaro ihari idukorera ntitoranya umuhutu canke umututsi!!Abarundi turiko turenganywa twese kandi muburyo butandukanye!!ABAHUTU canke ABATUTSI ntukabisubize mukanwa wa ndyadya we y’umu DD!!Uwudufukamye munda turamuzi reka kubesha abarundi witwaje UBUHUTU bwawe bw’inda ndende!!

  • Abahinga mu vya kahise bavugako bigera igihe bikagaruka kandi bifitaniye isano; Uru rubanza ruhatswe kubangutswa nk’urwo numvise rwa ba Birori na Ntidendereza! Canke uko bashombwa bakurwa mu mihingo itandukanye navyo nyene bigipfana na kumwe mu 72 batwara abo bita abamenja!!. Ibihugu vyacu(Urwanda n’Uburundi ni urukozasoni ibintu bimwe bimwe: Noneko umengo ingoma zokurikiranye abagiye barahemukira igihugu nizo zibarusha. Tuzoba abande? Ese burya abaziga Histoire canke kahise k’iwacu ubu bazohera he baherezehe? Reka noneho tuzobifate ko ariwo muco wacu; bimwe bibeshwa amahanga ngo;hari akarabga, bihindurwe handikwe ako!!

  • ivyo vyose vyerekana ukuntu abarundi turishe. Rero nimuze dusenge Imana iduhe amahoro meza akwiye.

  • amakuru ya gwasa gato nivyo yimirije kurangura

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.