IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarimyi-borozi basaba kudakumirwa mw’itangwa ry’ingurane

Abarimyi-borozi basaba kudakumirwa mw’itangwa ry’ingurane

mercredi 27 Munyonyo 2013

Ukutaronka ingurane ku barimyi ni kimwe mu ntambanyi basanze cugarije abarimyi mu Burundi. Ivyo bigatuma mbere n’abatari bake barushiriza kwidodomba kuko babona batari buronke uburyo bwo gushira mu ngiro imigambi baba bafise.

Mu gihe haraye hatangujwe ihayanishwa gurishwa rya mbere ryo guteza imbere ivyiyumviro vy’abarimyi mu Burundi, abarimyi batari bake baraseruye akababakiye kabo, cane cane ku bijanye n’ingorane yo kubura ingurane yo kwiteza imbere.

Ku bahinga mu bijanye no guteza imbere ivyiyumviro mu gushinga imigambi, bagira bati: “Kugira umugambi ni intambwe ya mbere nziza, mbere n’abantu bose bari bakwiye kwiyumvira. Ariko iyo abafise umugambi babuze uburyo bwo kuwushira mu ngiro bishobora kubaca intege no mu migambi ikurikira boba bafise”.

Manirakiza Anatole, umurimyi akaba n’umworozi wo mu ntara ya Cibitoke, komine Rugombo, avuga ko abarimyi-borozi, muri rusangi, bahura n’ingorane zitari nke, haba kubafise umugambi bashaka gushira mu ngiro canke kubakiwurondera.

Manirakiza agira ati : « Ntitubona ukungene tuzotera imbere mu gihe n’uwufise umugambi ataronka ingurane yo kuwushira mu ngiro. Niyo tugize ngo turagiye gusaba ingurane ku mashirahamwe canke ku mabanki, badusaba ingwati tutari bushobore kuronka tugaca dusubira inyuma uko twaje”.

Hope Found Burundi, imwe mu mashirahamwe yo kubika no kuguranana y’ i Bujumbura isanzwe ikorana mbere n’abarimyi b’umuceri mu ntara ya Bubanza, ivuga ko abarimyi bataramenya ivyankenerwa kugira bashore kuronka ingurane baba bipfuza. Iryo shirahamwe rigira riti: “ Abarimyi iyo baje gusaba ingurane, baza bavuga igitigiri cayo bashaka, twababaza ukungene bazoyasubiza bakavuga ko bazoyasubiza ni bimbura. Ivyo navyo akaba ata banki yovyemera kuko umwimbu ushobora kuza uko umurimyi ataravyiteze, bigaca bituma ahomba we n’ibanki yamuguranye". Iyo mvugo ikaba ari nkiyo ku yandi makoperative asanzwe ashigikira abarimyi. Nayo nyene avuga ko bigoye kwitika abarimyi kuko akenshi atangwati iboneka berekana ku mahera yingurane baba bahawe.

Abarimyi basaba ko bokwigishwa n’ibijanye no kuronswa ingurane. Bakamenya ibisabwa kugira bareke kuguma bata agashavu ku mabanki n’amakoperative ko ataborohereza mu kubaronsa ingurane. Abarimyi barabona ko mu gihe bokwigishwa ibijanye no kuronka ingurane hashobora kuba akarusho mu kwiteza imbere mu migambi yabo baba bafise. Ndetse ntibosubira kuguma bahanze amaso Leta n’abagiraneza.


BUKURU Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.