IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira ibihugu vy’Afrika bemeye gukurikirana ibiganiro bijana ku (...)

Abaserukira ibihugu vy’Afrika bemeye gukurikirana ibiganiro bijana ku matora

vendredi 5 Ruheshi 2015

Abaserukira ibihugu vya Afrika mu Burundi bamenyesha ko bagiye gukurikiranira hafi ibiganiro kandi ko bagiye gushigikira Reta y’Uburundi n’abanyagihugu kugira habe amatora meza.

Mu mubonano wahuje umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aime Nyamitwe, abaserukira ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika mu Burundi, bamenyesheje ko bagiye gukorana neza n’umushikiranganji.

Abo baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, baratera ivyatsi amabi akorwa mu gihe c’imyiyerekano, bagatera intege abo bose babishoboye gutegura amatora abaye mu mahoro, ivyo gutumatumanako navyo bigasubira gukora uko vyahora kugira ntihasubire kwibonekeza ibihuha.

Umushikiranganji Alain Aime Nyamitwe yamenyesheje ko amatora atabaye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya5 Ruheshi yimuriwe ku rindi sango rizomenyeshwa n’umurwi ujejwe gutegura amatora CENI.

Umushikiranganji w’imigenderanire ntiyibagiye kwizeza abo baserukira ibihugu vyabo ko Reta y’Uburundi yiyemeje gushira mu ngiro ivyavuye mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere yabereye i Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.

Mu kurangiza umushikiranganji yamenyesheje ko hitezwe intumwa z’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,zizoza gushigikira ibiganiro vyatangujwe n’intumwa idasanzwe ya ONU mu karere k’ibiyaga binini Said Djinnit.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Erega ahanini sikibazo c’amatora?amatora ntashobora kugenda neza mu Burundi.atarekuye ikiringo cagatatu.yogiheba abahunze baca bataha amatora agaca agenda neza cane none wombwira kwibiganiro vyerekeye amatora vyoshikakuki hatubahirijwe ibwirizwa shingiro.nahebe ico kiringo ibintu bigende neza.

  • @ Nkwavu Venant, ntanumwe azoza yisunze gukorera kwibwirizwashingiro ryu Burundi azigera avugako Nkurunziza atemerewe kwitoza, nicogituma wumva ivyokwitoza kwa Nkurunziza abashaka gufasha mubijanye nabadahuza ngaha mu Burundi icokibazo ca Nkurunziza bakibona nkicatorewe umuti igihe abajejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro baciriye urubanza, abanturero bazi icokwikukira kwigibigu caricocose bivuga ntibashobora kuvuguruza icoburiya butungane bwavuze. Nicogituma mumisi iza ivyononekaye vyose mwiyimisi yariheze abantu barikonariyerekana abahamagaje iryamyiyerekano bazorengukishwa imbere yubutungane bwaba ubwi Burundi canke mpuzamakungu, ukobirikobirategurwa nababijejwe bavugako bazoharura bahereye kuvigihe buryabutungane butangarije Ko Nkurunziza atabwirizwashingiro ryi Burundi rimubuza kubayokwitoza nihonazohera kubagiriza Ko ivyobakoravyose bwarubutagondwa.

  • Gouvernement ya Nkurunziza iriko irashaka ko bayirungikira le restant de l’argent bayemereye kugira habe amatora. Ubu ifise ikibazo gikomeye c’amahera, mwibuke kandi ko hari n’ibikoresho vyinshi vy’amatora bimaze gusha, ivyo vyose bisaba amahera kugira haboneke ibindi hanyuma bandanye amatora. Ntibabahe ayo mahera Nkurunziza atemeye gusokora candidature yiwe iteye ikibazo gikomeye mu Burundi.

  • EMWE ICO KIRINGO KIRABASHUHIJE UMUTWE NONE MWESE MUZOBA ABAKURU B’IGIHUGU? EMWE NTIKIZOBAKWIRA

  • @nkwavu venant
    Erega barya bahunze bahunze amatora,wibazako bahunze iki?Barya ntituzobarindira amatora azoba,azokorwa n’abari i burundi,no muri Nigeria yarabaye hari za Boko haram!!!

  • Decidement uno munsi wari uwa defilé diplomatique,amatora azoba,peter tuzomutora ,abamwanka mube murategura kwivuza kuko crises cardiaques zizobamara!Abarundi twebwe nyene turi decidé kwikurako abaducinyiza bitwaje amahera baduha nabo arayo biba muri congo!Abarundi muganiriye atari abahenzwe barayakanuye,benshi banyotewe democracie,abatayishaka nta kundi tuzobagwanya aho tugeza,bashaka kudusubiza mu gacinyizo,murahumba!

  • Vuganeza Uyu Venant Ndamuzi Nzomushira Ku Muronga Ashirire Ijwi Ryiwe Turarikeneye Kuko Izina Ryiwe Yiswe Na Nyina Si Nkwavu Komera Hakur,ubuki? Bacemwo

  • ega ntamukozi acira urubanza rubi shebuja!irya sentare yarahengamye!gukurikirana abateguye imyiyerekano navyo ntibitangaje.kuberiki atamunsi uhera hatishwe umuntu umwe cank 2.kandi atakirwanisho bafise.ababica kwaraba police bobo gut?ntankurikizi?imbwa ibura se ntibura sebuja IMANA izoca urubanza rubereye.mbega ntawund mwotangakumu candidat?ega ntitwank umugambw twank manda yagatatu.

  • sha vuganeza, venant arimuri bamwe badakunda igihugu natembe abakuru bibihugu vyafrika nabagabo namaze kwumva aho bahagaze. kobateye ivyatsi abagumutsi ndabashigikiye

  • Kubarengukisha sindabihakanye.ariko muzohamagaze nabamwe bica babasirikare bakomerekera kuri radio.bakabakura mubitaro bakabica urwagashinyaguro.bazojane.ibibera ngaha mu Burundi nihatari!uwishe wamwana ku mutakura wa 15ans yadugije amaboko wew nigt?

  • jewe niko nitwa ntakubesha birimwo.IMANA ibahe umutima woroshe.kudutwara nako naveko muzoshaka mutumare hako adutwara.niwashaka ndakubwira ahondi naho wavuze kunzi.erega amasengesho arakora tuzomutera ama bombe yamasengesho areke kumva?nanje amavi nzemera amyoke

  • Mbega iyo ntumwa ya onu kuvaho yahurije ntakintu iravuga kubijanye nimyiyerekano ninzara bisagirije abarundi?ibijanye namatora mukirundi bavuga ati:insazi yimiye kugihome cinzu ati birame mbone.

  • Vuganeza,
    Muri dd muriga kwicisha bugufi kuko akagaye kanyu ni kabi kandi muzi ko igihugu cacu mutwara, n’ubu mushaka gutwara ataho kirigeza muvyo ubutunzi dutunzwe n’imfashanyo. Ngo mwishakira democratie? nimwayishikako muri dd indani murazoza kuyigisha mu gihugu. Kira noneho umuntu atanga ico ifise. ngo amahera badufashisha baza kuyiba muri congo? Imbere yo kubona ayo dd yivye uburundi ubonye ayo abazungu bivye muri congo? ndabisubiyemwo ntimwige kwicisha bugufi kuko inyishu muha abafasha uburundi nizo muzozira muzoba mu ndaba. Edouard aheruka kuvuga ngo amatora y’i burraya ahora yemerwa ata ba observateurs b’abarundi bagiyeyo nk’uko umenga uburundi burafasha uburaya. Nyabenda kare yavuze ngo ibwirizwa shingiro rya amerika ntabarundi bahora baja kuvuga ibirirmwo nk’uko umenga amarika turanaga. Mw’ibuke ko USA ari igihugu ca mbere rutura kw’isi natwe ari ica nyuma. Ni nka ya nsazi yari ku nzovu iriko iriruka haza ivumbi hanyuma insazi ibwira inzuvu ati wabonye iryo vu dusura ingene ringana. Inzovu = USA, insazi= uburundi. mwosubira gutwara yindi myaka itanu, uburundi butazimanganye bwoba bwavuze kunsazi bukaba akanyegeri. kira noneho imana ntizovyemera.

  • @melchiade
    Gerageza ngo azodutera amabombe y’amasengesho,ngo azemera amavi akoboke,je préfère ayo nyene,canke ariko aratubesha ngo turarame kandi ari bombes za vrai,mushirirze turabe nahimana n’ukuri.Turabacamwo kabisa ntagisivya nawe komera!

    @nkwavu venant
    Sha ivvyabapfira mu migumuko ,birazwiko ari mwebwe nyene abatutsi mubiyicira,biri muri plan za pacifique na vitali zo gu sacrifia 15 tutsis par jour ngo muce muhamagara amakungu ngo genocide,n’urya mwana ni mwebwe mwamwishe ngo mubishire kuri police ,abo bapfa baza pacifique na vitali !
    barya basoda b’aba putshistes bishwe n’aba manifestants batinyako bazovuga ko bari kumwe muri putsh,nibo babarangije ngo ntibazokurikiranwe ubu vyose turabizi,sha bandanya usenge ngirango abatutsi boheba bakaba abantu,

    Ndabira feruzi abatutsi mwarishe yari umuhutu w’umuswahiri modere,ivyo vyose ngo mubishire kuri SNR n’imbonerakure,imiduga y’abahut ubu muyiturira izuba ryaka ngo ni iya documentation ,mubesha kandi muyiturira muyibona ko ariy’abahutu,aho mwashaka ngo buyenzi ibe parmi les quartiers contestataires,les pauvres babonye ko bahenzwe baravamwo,sha venat senga ushimike,abatutsi mwari mwateguye no gu sacrifia tous les autres hutus ka Rufyiri ubu nicwe aho kumviye ko kazoba ikimazi,ci karavera ubu ni molomolo aho yumviyeko nawe muzomucisha ku w"epfo,n’abandi benshi babuze kuyakanura birabasha,ahubwo niyombare nawe kuba putsh yararase ni imana yamukijije mwari mwateguye kumugira missumillah mugaca mugifata,ndabarahiye da,senga amavi akoboke,ariko natwe turasenga tuzorabe abo yumvira,ewe mana y’i burundi ufise akazi kenshi kandi katoroshe!!!

  • komez ikiyago ikiyago. ikiyago n’ikindi komeza muyaga murateba muhuz. kuva kera aho hamber ikiyago caj imbere maz ukuri nako kukaj ahabona.

  • @Kabwa
    ko turi agahugu kanyuma je suis d’accord,ko dufashwa n’ibihugu vya rutura,sindavyanse,ko twicisha bugufi on a fait que ça,ça devient fatiguant!!
    Ababiligi n’abanyamerica bafise aho bahengamiye rero ntawoshobora kubanezereza,bashaka kuzimanganya cnddfdd,.Gusa nawe ndakwibarize,abarundi benshi bamaze guhinyura ababiligi ko bahengamye,muganiriye bakubwira bati on en a marre y’umubiligi tuzigwanako,ababiligi bahagaritse imfashanyo turavyemera,bosha ibindi bihugu vya bulaya,turabareka,wombwira igituma batatuvako,babandanya batwononera ivyacu,none wombwira gute ko i wabo hari akajagari bigeze kumara umwaka urenga batagira gouvernement hanyuma ngo baje gutorera umuti i vyacu ni wabo bahoma ibiva,ubu ho ngo amahera bahora baduha ngo buca bayaha abo muri societe civile,quelle société civile,wewe ntubonako badashaka kutuvira mugihugu bafise plan,nibatureke twironderere abagenzi ahandi kandi no ngaha nyene muri africa jewe ndaziko tworonka abadufasha kurushabo,bo bashaka kuguma mu vyo dukora,la misère babayeho i wabo kubera aba flammands ,bashaka qu’on vive la meme chose,tellement ni peuple de petit esprit,uzorabe ibihugu vyose vyakolonijwe nabo,nta mahoro vyigera bigira,naho twogira ico twishikanyeko baba batonze!!Rero mu burundi ababiligi bashigikiye minorité kuva kera,abahutu twarahonejwe n’abatutsi ivyo vyose barabizi,ama genocides yabaye yose barayazi,ndadaye kaba akamararmaza,ntaryamira,abahutu turangara turatikira,ntibari baryamye aho i bujumbura ,none rero twemere twame tubareka batuvumbagaze ngo ni 50 millions d’euro baduha nabo nyene babanje gusasikisha inganda muri congo,canke ushaka tububahire leur mechanceité?I wabo ababiligi de souche baba mu ma barabara,urwo rukundo badukunda twebwe ni uruhe ababo bakenye?Ico baduhora aba cnddfdd nuko babona qu’on peut s’en sortir sans eux et ça les effraye,i bulaya ni abantu bato cane basuzugurwa,kugira abo bakimbagirirako ça leur permet de se sentir supérieur àquelq’un!Tuvuge canke tunume nico kimwe,kimwe gusa batuveko!!Ivyo twaciyemwo barabizi ntibavyuye urutoke ngo badufashe!Nabo bose bafadikanije nabo ngo baducinyize,ntimwihende ngo tuzopfa dusubiye kuvyemera tuzobanza dupfe twese hanyuma bakore ivyo bashaka!!Ayo mahera yabo bagumye ahubwo na mbassade bugare !!

  • ABO BASERUKIRA IBIHUGU VYABO VYO MURI AFRICA BOFATA IKIKIBAZO MU MINWE JE NDIZERA KW,ABARUNDI TWOVA MURAKA GATENGO DUSHIZWEMWO N,UTUGWI TWINYEGEZA INYUMA Y,ABANYAGIHUGU MUGUSHIRA INDA ZABO IMBERE AHO GUSHIRA INYUNGU Z,ABANYAGIHUGU N,IGIHUGU IMBERE!JEWE MFISE AMAKENGA KW,ABABANYEPOLITIKE BACU! IKIBAZO BAVUGA KO AKA KARERE KA EAC KAGIYE GUTANGA IMPANURO KANDI KO BAZOSHIRA MUNGIRO IBIZOVAYO.IGITANGAJ BAMAZE KUVAYO HADUTSE IBINDI KANDI BARIBAREMEREYE ABARUNDI KOBIZEYE KW,IBIZOVAYO BIZOBA URUFATIRO RW,AMATORA.MANA TUBE HAFI UKIZE IGIHUGU CACU ABAGIHAGURUKIYE!AHUBWO BASHIREHO URWEGO RUZOHANA ABITEZA UTUNYONI NGWAMATORA NTABE HAMWE N,ABAHOHOTERA ABANYAGIHUGU ATACO BAZIRA KUGIRA UBWICAOYI BURIKO BURABA BUHAGARARE!<IZINA RY,IMANA YO MW,IJURU RISHIRWE HEJURU AMEN.>

  • @kabwa
    Akantu ka nyuma ndakwongereyeko ,mbega burya wewe wokwemerako umugenzi wawe soit disant aza kwivayanga mu bintu vy’urugo gwawe,aze agutegeke ingene usasa,ingene uryama,ingene uteka ,kuryaho umuntu yohumiriza yibazako ariko akwigisha les bonnes manières ,ikibi ni igihe yo gutegeka ivyo ushira kw’isahani gushika aho yokurisha ibatarika ngubashe uronke akantu umukeneyeko(dufate umuntu ari mu nzara ugategerezwa kwitura umugenzi uti mfasha n’abana),none wewe wovyemera gushika ryari?Urondera uwundi uganyira agufasha avec moins de mepris naho bose boba bashaka inyungu plus tard,ufise ta dignité uranangira le temps de trouver uwundi akugirira imbabazi ce que les belges n’ont pas envers nous car baratwicisha,tubiriha amaraso,kabwa on doit refuser ça,ntituzongera gupfa ababiligi bari inyuma bakokeza natwe tubakomera amashi ngo bazi amategeko,babimenye neza ko nizo montages na ka gakecuru Khadjani umukobwa w’umu genocidaire,ntituzokwemera ko batwifatira,nabanze asabe ikigongwe abahutu ku mabi se yabakoreye agapfakaza abagore,impfuvyi zikangara,iyo kariko kikoroza ay’ingona kibaza ngo ntitukazi ako kamaraya k’abazungu!!Kamenye ko ivyo se yakoze bitazongera,turindiriye amatora ahere hari ico tuzibariza abantu bamwe bamwe,tubacungishije ijisho!

  • sha wewe uvugako ababiligi bozinga ibirago bakatuvira mu gihugu ndagushigikiye urwanda rwikuyeko abafransa ubu rurorohewe wewe wavuze wibagira Rwagasore amaraso yabarundi yose yamenetse nukubera ababiligi bateye imbuto mbi yamacakubili ni bagumye imfashanyo zabo erega ntibaziduha gratuit bashaka ubutare buri mubutaka bwacu aho buri haba abantu beshi babanze kuduhonya hanyuma baze bimbe ca akenge twunvikane uko twiyubakira aka gahugu kacu naho ari gato bagatunganije neza ubutunzi dufise bwotumara ubukene abifuzako umuhutu yafashe igihugu kumuheto akirekura baza kagame ingene ubu ariko yemeza abanyagihugu kugitugu ngo abandanye atwara mpaka ahakuwe nurwakarago uganda de meme nibemerako ivyo bihugu bitwagwa nabahutu uburundi buremera busubire muminwe yabatutsi ataroho nimwimyize ibafu emera musabe kuko nabahutu babasavye plus de 40 ans none mwaherewe ca bugufi bababegere

  • VUGANEZA@sha Ushaka Wokwinumira Kuko U.S.A Na Belgique Ntaho Bihuriye Nukuri Nuburundi Bwanyu Mugabo Ivyo Vyatew Na Cndd-fdd Yaranzw Nubunyonyezi Ntavuz Ubwicanyi!Aha Tuba Tumaz Kubababa Nukuri!Rka Babategeke Kuko Bibaberey Aband Bazi Ko 1 1 1=3 Namw Muzi Ko 1 1 1=2 Ntamunt Yonanigwa Nivyo Hama Akareka Gukengegwa!Tekreza Kuko Mutey Isoni Ariko Rindira Gato Mugiy Gutangara!Amatora Akaba Uzoce Uza Ndaguhe Akantu!

  • Turashimye ingingo yafashwe nabakuru bibihugu bigize afrika yubuserukn kungingo bafashe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.