Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abatavuga rumwe na reta ya Sloveniya baraye bayitembagaje
 Abatavuga rumwe na reta ya  Sloveniya baraye bayitembagaje
 Abatavuga rumwe na reta ya  Sloveniya baraye bayitembagaje
				
				jeudi 28 Ruhuhuma 2013
Reta ya sloveniya irongowe n’umushikiranganji wa mbere Janez Jansa yaraye itembagajwe yagirizwa kurya ibiturire.
 ivyo vyabaye inyuma yaho inama nshingamateka igize amatora yo kwemeza canke guhakana iyo reta.  
ku bashingamateka 90 bari bitavye ,55 bashigikiye abatavuga rumwe na reta, 33 bashigikiye reta nayo umwe ntaco yabivuzeko.
Ubu rero Alenka Bratusek w’imyaka 42 kw’izina ry’ umugambwe w’ishami ry’ibubamfu  ahawe gushinga reta nshasha akazoba abaye umukenyezi wa mbere mu mateka  ya sloveniya  abaye umushikiranganji wa mbere.
 Inyuma y’aho atorewe ,uwo mukenyezi yarakejwe n’uwo  agiye gusubirira yari amaze imyaka 54.
Mwomenya ko Alenka Bratusek azoshikiriza inama nshingamateka ,reta yiwe nshasha ari nayo izomwimika nk ‘umushikiranganji wa mbere gushika ku wa 14 ntwarante. Vyanse hazoca hategurwa amatora yihuta, ayaheruka yabaye muri ubwo buryo yabaye mu mwaka w’2011.
Iryo hinduka mu vya politique ribaye mugihe ico gihugu ciswe icakarorero mu bihugu vyahorana intwaro ya gi communista vyinjiye mwishirahamwe ryibihugu buraya, cagize ibibazo vya politique,ubutunzi,n’imibano kuva kicikukira mu mwaka w’1991 inyuma y’itembagazwa rya yougoslavie yaba communista.
Icateye iryo hindagurika ry’ubutegetsi n’uko imigambwe yari yashigikiye reta yahahora yayikuyeko amaboko bituma iyo reta iba itacizewe n’abanyagihugu.
sylvere BAVUMIRAGIYE

