IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatwara igiporisi mu turere twose tw’igihugu bahinduwe

Abatwara igiporisi mu turere twose tw’igihugu bahinduwe

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahinduye abatwara igiporisi mu turere twose tugize igihugu c’Uburundi. N’uwutwara igiporisi kijejwe gutabara (Groupement Mobile d’Intervention Rapide) yahinduwe hashirwaho mushasha.

Kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, abatwara igiporisi bahinduwe uku gukurikira :

Akarere k’uburengero kahawe OPC1 Pascal Bandaba yahora mu ntara yo hagati mu gihugu.

Akarere k’ubumanuko gatwarwa na OPC1 Eustache Ntagahoraho yahora mu buraruko bw’igihugu.

Akarere k’uburaruko kahawe OPC1 Gahitira Félix yahora ajejwe igisata bita Logistique mu buyobozi bukuru bw’igiporisi c’Uburundi.

Akarere ko mu ntara zo hagati mu gihugu gatwarwa na OPC1 Thaddée Birutegusa.

Akarere k’ubuseruko kahawe OPC1 Japhet Ndayegamiye.

Igiporisi kijejwe gutabara (GMIR : Groupement Mobile d’Intervention Rapide) cahawe OPC1 Alexis Muringa yahora arongoye akarere ko mu bumanuko bw’igihugu, akaba afashe ikibanza cahoramwo OPC1 Pierre Claver Bigirimana benshi bazi kw’izina rya "RUTUKU".

Tubamenyeshe ko Christophe Manirambona batazira "Wakenya" yagizwe umuyobozi w’ibisata vy’igiporisi bijejwe amabanga adasanzwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Burundi BWACU,Bihava bitoroha!!!Wait @nd See.

  • ntahirahire ngo yitoze adashaka ibara .

    umupfasoni wiwe namuhanure turazi ko ari umuvyeyi . kuneza yiwe ni bibondo vyiwe .

  • ivyo bintu biguma bihinduka kumwanyakumwanya bizohava bizana ingaruka mbi mubantu nko kuguma uhindura abategetsi nkuko nimubona kwarimwo ibintu bitagenda neza mugwego rwumukuru wigihugu cuburundi koko ejo bariya uno musi barya mbega umukuru wigihugu c’uburundi nabwo afise ico bita to trust some poeple.

  • hariho indirimbo barimba bati pharaon rekura ubwoko bwimana butambura bati isaha yawe yageze none uwo mu pharaon atumva atumva ico bamubwira reka azobona.

  • Nama ndabivuga nubu ndasubiriye murukino rw,ikarata hari abibaza ko ugucanga canga cane ikarata ariko gutsinda.haragera aho uwacanze ikarata agahabwa ico bita kappa muzindi mvugo bayita impaga.Twihweje neza dusanga twobigereranya nibiriko biraba muri leta y,uburundi kubazi urwo rukino iyo iyo iturufu ziheze muri urwo rukino bisigura ikarata zirya izindi iyo ziheze hasigara hakora ico bita IPIGU navyo bisigura igihamana
    Iyo hasigaye ivyo kurya kw,IPIGU abakinyi bafyura amaso hirya no hino baraba uwoba yotabara ngo atore ikarata kuvyo bita igihamana uyo mwanya rero niwo uri muburundi ikarata zirya izindi zaraheze hasigaye rero ibihamana umuntu ata umutwe hirya nohino arabe ko urukino yorutsi ariko umukinyi mwiza akina avugana nabandi akabika ikarata yakamaro kugira ayikoreshe bikenewe ariko umukuru wigihugu yibutse kubogora yasheshe naho yohindura bose atarashaka ko bamuhindura nawe ntibikunda niyemere nawe ahindurwe niho azokworoherwa

  • mbega matana mugomba kumugira nka ndadaye na rwagasore ko uvuga ngo azibonerako nabana biwe?

  • Twebwe nyene ari kubogoza nitwe tuzomukata izosii bBARUNDI BARUNDIKAZI ntibibace inkokora ari guhendwa nakarwi gato caneeeeeeeee twebwe akadususzugura kandi twaratanguranye iciza nawe................harico azibonera jewe amatwi ansumira umu dame wiwe abo biyaga avuga ko buca yihungira Tanzania

  • ka tuze twirebere agatogo mu burundi gusa mwe mwifuza intambara yarigihe mwakwicuza ikaza ikabasoromana n’abanyu ntihasigare nuzabara inkuru gusa amahirwe mu zagira nuko mumfite nkuzababarira inkuru ,,, naho inama nabagira nuko mwarebera urugero rwiza ku Rwanda mukanagisha inama umukuru w’u Rwanda. Ngiyo impanuro.

  • @salim hamdan. Namba’ utarwaye mumutwe, woshobora kutubwir’ urugero rwiza wibaza k’ abarundi bokwigira kubanyarwanda. Urugero rwiza muyihe Domain???????
    Nibaza ko hakurya yakanya hategerezwa kuza muhantu hanyum’ umuntu muzima yofatirak’ urugero mubyerekeranye nibyo turiko turavuga ngaha. Keretse namba wibazak’abandi nta 5senses bagira,cank’ ukaba wibazak’ abarundi nabo bakiri ba BWANA NDIYO NKAMWE!!!!!!!!!!!!

  • Ivyakozwe nivyiza ariko dukeneye amahoro arama dukirubukene.

  • ABANYARWANDA BARABE IVYABO KUKO NTIBIBUZE BAZOBA NYUMA YACU SI KERA

  • hahahahahaha yahiduye abadi naweeeee!!!!

  • yo urarushe mwene wacu Pierre numu fasha wawe vuba urahindura nawe baguhe umwanya...abavuga nabo ngakarwi kabantu murikumwe karakuremera nobabwirako boreka .kuko ntacobadakora ukizi rero murabizinanyemwo .uyuba undi wokuyeyo rajabu ugasubizayo abo ba généraux mukibanza ciwe ukanasaba iki gongwe abarundi.ivyo urabishoboy si non cambu cako shahuli yako .erega naguhanura kuko ntawutwara ntiyihende bibaho, abo bose utinya ni wewe ubagaba muraya mezi usigaje ., ataruko ngugira ukoreshe ihakiri usumvye abandi benewanyu bayiiiii uraharwa ntagisivya genza uko amategeko abisigura, ntiwihe ibiringo nkuwiha akayeri kwibare oyaaa baragusuka ncuti gerageza wikureko akagaye umwanya urahari...ushatse wogirirwa imbabazi nabarundi benshi ucishije bugufi.nayahandi ukaja kwitwaza inguvu wahawe nabenegihugu ziragusuka izo ninkigicuro kibi canke ngubone ngufise akanoti akoko gakora igihe camahoro benshi karabahenze none baryamye mwivu abandi mwibuye.

  • Itariki ; Ukwezi ;umwaka Police Nationale Du Burundi Yatanguye Ryari ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.