IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abazitabira imyiyerekano yo kuri uyu wa gatandatu, barungikiwe (...)

Abazitabira imyiyerekano yo kuri uyu wa gatandatu, barungikiwe ubutumwa

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

N’aho mu rugendo rwo kuri uyu wa gatandatu abanyagisagara babwiwe ko ibizandikwa ku vyapa bizomenyekana bahashitse, bimwe mu bizohavugirwa vyo vyatanguye kumenyekana.

Mu rwandiko rwavuye mu bushikirangnji bw’intwaro yo hagati mu gihugu rw’impapuro zine, rwarungikiwe abajejwe intwaro mu gihugu cose, abazitaba iyo myiyerekano, bakaba bazosubira gutera ivyatsi intambara zabaye mu ntara ya Cibitoke, aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yanditse avuga ko abo bateye mu Cibitoke bavugutiwe umuti ubakwiriye. Muri urwo rwandiko nyene, bakaba baziyamiriza bimwe mu vyegeranyo vy’ishirahamwe Human Right Watch, bimwe muri ivyo vyegeranyo, iryo shirahamwe rikaba ryavuze ku bwicanyi ndengera butungane bwakorewe abo bateye.

Umushikiranganji kandi muri urwo rwandiko, akaba asaba abanyagihugu kutaza barumviriza amajambo abahamagarira kugumuka. Iyo myiyerekano kandi, ikaba ibaye irya kabiri, ihamagawe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kuva ico gitero co mu ntara ya Cibitoke kibaye. Ico gitero nyene, kugeza ubu, abagikoze ntibaramenyekana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Igihe.com, ko iyi nkuru ituzuye?? Ni uwagatandatu wa ryari?? Itariki zingahe?
    Hanyuma nimba AbaDD batabona umutego wa Edouard Nduwimana, nzoca nemera ko AbaDD tabwenge bafise pe.
    Nibirukane ba Hon Nimbesha, Gnl Niyombare, Col Manasee, Hon Huss Rajabu (bafunge), etc.. ngo bafise Inshirire Edouard iri kubakorera. Mbabajwe n’ama generations y’abuzukuru bacu bazorinda bapfa bicuza ibibi abantu nka Nduwimana buca akwegera igihugu nayo abo twajeje igihugu bisinziriye mukwubaka utuzu abana babo batazopfa baninjiye. Burundi bwa Nyaburunga waragowe!!!

  • namba mugwaye mumutwe mwa ba cndd.fdd twarabahinyuye.

  • Nduwimana numusazi mumutwe batanguye gusara nuko ayo namaraso basheshe yabo bari kubogora arukarabasaza murabesha twarabahinyuye

  • Nyakwubahwa umushikiranganji Nduwimana natwe abenegihugu arongoye twesehamwe turazi icoturiko turakora nacontakindi atari kuberekako duhagazebwuma mukwiyamiriza uwowese arotayiyumvirako yovyura intambara mugihugu cacu cuburundi.

  • Mumakungu turashigikiyeurugendo natwe cape Town turi gutegura urugendo rwo gushigikiraiyashikirijwe na Nduwimana.mukomere kwibanga bagumyabanga.

  • NONE ABO UBONA BASUMBA ABA BOB RUGURIKA ? NTA NINUSU YABO, TUZOBAKUBITA INCURO MWA BA DD MWE.
    EREGA ABO BARI ABA DD NTIBABAHENDE

  • Amazi ageze mw’izosi kweli!mbe kirya gitero kugezubu Leta itaramenyesha nabakigizen’amatohoza tukaba tutazi naho ageze none ngo iyindi mwiyerekano!nrta kundi gira mugende abanyagihugu uwagize imana akabakira azovuga inkuru yukugene mwarongoye ubueundi,kuko kuva bwabaho niryambere abarundi batwawe nibijuju.sory kuriyo terme kuko barayi merita.

  • Muburundi hari ibibazo kubona reta yica abarundi buburundi hama igategura imyiyerekano nibara ehe barariy nisoko nukuri muriko murya ibizobagaruka iyo myiyerekano ntibaho muriko mwitesha urubwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.