IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha bo mu mashure yisumbuye bahagaritse akazi

Abigisha bo mu mashure yisumbuye bahagaritse akazi

lundi 20 Rusama 2013

Bisunze akamo batewe n’amasendika bahurikiyemwo, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013, abigisha bahagaritse akazi.

Ku mashure asanzwe yegukira Leta ari mu gisagara ca Bujumbura vyibonekeza ko iryo hagarikwa ry’akazi ryitabwe.

Aho twashoboye gushika nko kw’ishure ryisumbuye ryo muri komine Rohero bita Lycee Notre Dame de Rohero na Lycee Municipal de Rohero. Twagerageje kubaza ku bijanye n’iryo hagarikwa ry’akazi, umuyobozi wa Lycee Notre Dame de Rohero Pierre Joseph Nsabimana yatumenyesheje ko yegeregere yahabaye, abigisha batariko bararangura imirimo yabo ya misi yose.

Ariko abatari mu masendika yegwa n’iyo yegereyegere bari ku mirimo, kandi we nk’umuyobozi mukuru aragerageza gufasha abo baba bari ku mirimo.

Ku bijanye n’ingaruka mbi ku banyeshure, yatumenyesheje ko ari nyinshi na cane cane ko abanyeshure basanzwe bariko bitegurira ibibazo vya Leta. Tumubajije ico abo bigisha basaba, yatumenyesheje ko ico kibazo atariwe yocishura ahubwo ko twobaza abo bigisha.

Twashoboye kandi kubaza abanyeshure basanzwe biga mu mashure yitegurira ibibazo vya Leta, aho twovuga abo mu mwaka w’icumi na gatatu mu gisata c’indimi nabo mu mwaka w’icumi.

Ku kibazo c’inkurikizi mbi iyo habaye amayegeregere, batumenyesheje ingorane bafise ko ari nyinshi cane zimwe muri izo badondaguye hari nko kudaheza ivyigwa biba biteguwe ku mwaka wose, ikindi kandi ntibazi umwanya iryo hagarikwa ry’akazi rizomara, ugaca usanga baronse akanya gato ko kwitegurira ibibazo vya Leta, ivyo navyo bikagira ingaruka mbi kubera ko mu kibazo ca Leta hashobora kubazwa ibibazo ku vyirwa batashikiriye, bagaca bayoberwa.

Bakamenyesha ko iyo iryo hagarikwa ry’akazi rititamwo, bari bizeye kuzomenya ata ngorane.

Ico basaba Leta ni ugukura mu nzira ico kibazo c’abigisha narirya atari ic’uyu mwaka gusa ari ivy’imyaka yose. ikindi kandi bakwiye kwiyumvira bamenye ko aho bageze canke ico bari cose uyu munsi ari kubera umwigisha bagasaba bashimitse ko Leta yoganira n’abigisha kandi bidatevye kubera ko ingaruka mbi zigaruka kuribo.

Kuri Lycee Municipal de Rohero abanyeshure hafi nka bose bari batashe kiretse bamwe bamwe bariko barakora imyimenyerezo bafashanya hagati yabo.

Tubajije abanyeshure twahasanze biga mu mwaka w’icumi na gatatu mu gisata c’indimi, basaba ko abigisha basanzwe batanga ivyirwa bizokorwa mu kibazo ca Leta ko bogerageza bakigora bakaza baraza kwigisha.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.