IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Afrika y’epfo : Abarundi bagiriza ubuserukizi bw’Uburundi ko ataco buriko (...)

Afrika y’epfo : Abarundi bagiriza ubuserukizi bw’Uburundi ko ataco buriko burafasha

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par Egide N

Inyuma y’ubwicanyi bunyamaswa bukoregwa abanyamahanga baba mu gihugu ca Afrika y’ejo, ibihugu bimwe bimwe nka Malawi na Somaliya bafashe ingigo zo gukingira abanyagihugu babo mu kubatahukana. Abarundi bidogera uwuserukira Uburundi muri Afrika y’epfo ko ataco ariko arabafasha.

Ubwicanyi bukoregwa abanyamahanga baba muri Afrika y’epfo bumaze guhitana abanyamahanga bagera kuri batanu, harimwo n’umuyabaga afise imyaka 14, mu gisagara ca Durban. Aho bamwe muribo bicwa bunyamaswa n’imipanga, amahiri, abandi bakaba barataye barokomoka mu gutinya ko nabo bicwa. Ivyo rero bikaba bishitse inyuma yaho, umwami w’abazoulou Goodwill Zwelithini, avugiye ko abanyamahanga babwirizwa kwomorwa, kuva ico gihe abanyamahanga bagera ku gihumbi b’abanyafrika bakaba baciye bata izabo barahunga, bamwe baja gusaba indaro mu giporisi, abandi biyugaraniye mu mazu yabo.

Aho mukamenya ko abo bica abanyamahanga babagiriza ko aribo babatwara ubuzi bwo gukora, kuko bari mu gihugu ari benshi, abenegihugu bo muri Afrika y’epfo ntibasubire kuronka amahigwe menshi yo kuronka aho bisumamwo. Ivyo bivugwa n’abo banyagihugu bo muri Afrika y’epfo birabeshuzwa n’abarundi twashoboye kuganira, bagasigura ko bakora ubuzi butobuto birondereye, bwo kwisumamwo, kandi budatangwa na Reta.

Abo barundi baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE baremeza ko ubwicanyi bukoregwa abanyamahanga buhari kandi ko bumaze guhitana abatari bake, harimwo n’abarundi, bagasaba ko Reta y’Uburundi yokora uko ishoboye kugira nabo batahukanwe mu gihugu cabo, nk’uko ibindi bihugu biriko birabikora. Mu gihe ibindi bihugu bibandanya kurungika imiduga ishikana ku kibuga c’indege mu mutekano abanyagihugu bavyo, abarundi bagiriza uwuserukira Uburundi muri ico gihugu ko ataco ariko arabafasha, kandi k ata n’ijambo ry’ihumure arashikiriza. Turiko turagerageza kurondera abo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu kugira tumenye ico bategekanya gukorera abo banyagihugu b’abarundi bari muri Afrika y’epfo bariko baritabariza.


Alida S.

Messages

  • ces idiots pensent que tuer les étrangers leur apportera quelque chose de plus dans leur vie quotidiennes??? qui tue par l’épée lui sera de même.

  • Emwe,abanyafrica tuzoterimbere ryari mu vyiyunviro?abo barundi bacu bariyo nabo kugira ngo bakire nibandikire Nkurunziza ko bari pour le 3ieme mandat ubwo nyene aca abarungikira indege sino nabari mu Burundi barapfuye,ariko parait-il ko Boko Haram yavuze ko hagize umu etranger basubira gukorako yuko umu sud africain wese ahari kwisi y compris les ambassades bazoca babatera .

  • KO ABARUND BARI MUMAHANG BAMA BAGRA IBIBAZO VYOKWIRUKANWA KAND BAKICWA.LETA YACU IZOKWAM IHOZ ??

  • uyo muserukizi embassadeur ni umu DD abarundi bari muri Africa y’epfo bahunze aboba DD, none wumva yobafasha ik? Nimwigwaneko basha.

  • Nimubavire mu gihugu baronse babize akuya,mwa batutsi mwe mujanayo amanyanga,les magouilles n’ubundi bubegito,bari barabatebeje,babahinyuye !Mwamenyereye muri afrique centrale mwaje murakirwa,barya barakanuye si nka twebwe,bavireho mubahe amahoro aho muri ni umdugararo mutera!

  • Mbega KABUTU ntazi ko afrika y’epho arinini. , nkumuntu ari Cap town azoshikira uwuserukura u Burundi ari Pretoria ahantu hangana nokuva mu Burundi uja muri Kenya ? Imana yonyene iratubona .

  • Shem,uyu yiyiseBBC nibaza ko atazi agaciro k’umwenagihugu!!Kuki Somalia itahukana abanyagihugu bayo??N’uko bari bagiyeyo gutembera ata mvo??Biraboneka ko kuba UMURUNDI ata gaciro bigira IBurundi mbere no kw’isi

  • Mbega ubuntu bwagiye he? C’est sauvage ça et c’est ridicule pour ce peuple qui a mis au monde un homme fort comme mandela. Si mandela était toujours làcela ne pouvait pas arriver. L’afrique toute entière a perdu un homme qui a servi de modèle. Ce Roi des zoulou n’est pas un Roi car un roi est celui qui garantisse l’unité et la paie des peuples.

  • vuganeza uri interahamwe extremiste pe. Mbe ni nde yakumbwiye ko abarundi bari mu Afrique du sud ari abatutsi gusa , uzosanga uriko uraseka utazi ko ari so canke nyoko bahitanywe n"iryo sekeza.

  • sha ntaho mugiye nabandi bariko barahunga baza mugwanda none namwe ngo uburundi ngo burungike indege ije kubatora.mbe mushikirahe ko natwe ubu turi mubuhungiro se nga Imana ibafase umwaka abarundi turagowe.imbonerakure ziramaje abantu.benemama nuguse nga cane gose.Imana idukureko uyumugwaninizi hamwe na peter nkurunziza

  • @Rurihose
    ndi interahamwe ndamaze nta tandukaniro riri hagati yanje nazo car tous des hutus,uti hari abahutu benshi,ça m’étonnerait ni mwe mukunda gutamba aho agahiye kari ,bavire mu gihugu canke namwe muje mu rwanda nta ndege zihari,zivahe ko aho twozikuye muja kuzibiza imfashanyo ntizize,mwari muzi ko ari twebwe muriko murahana twenyene,Nimubwire pancrace yama ari muri union européenne akagaruka akihaya que le terrain est miné pour le président,abo ahora aja kubwira nabasabe indege mu burundi turakenye ntazoooooo!!

  • Nukuri birateye agahinda kubona umuntu yicwa nkimbwa yasaze,ndasavye president avugane na mugenziwe wa afrika yepfo hamwe nuwuserukira igihugu kugira abarundi boye kurwa muri urwo rwimo.

  • Birababaj kubona umuntu yicwa bunyamaswa.reta y’uburundi nifate ingingo yogukingira abarundi bari South Afrika

  • Wewe BBC iyo ubuze ivyowandika bureka guta amajambo yubupfu

  • Nibarungike indeg ize itore aba cndd babo ninzi mbonerakure Zaje kurondera Abakeba babo Ivya bazulu navyo barafise iyo babibonye kuko Nibamwe

  • Vuganeza w ararondera abagiraneza bakujane kwa le gentil mu kamenge.

  • De toute les façons nous avons le même corps.un disait que "les ennemis de l’Afrique ce sont les africains "je comprend mal comment un être humain peut brûler un autre? Tout simplement c’est tres hontes. Que Dieu les pardonne!!!

  • Bakureyo abarundi bareke kubica kuko mbese twebwe abanyamahanga Ubwo twebwe nago twabakorera icyo badukorera?

  • Jewe mbona uwuserukira igihugu cacu cuburundi yokorankuko ibindibihugu biriko birakora kandi narindire ngumugumuko ubanzuhere kuko hohera abarundi sivyo rero

  • Abobanyagihug Nibagirebabatahane Mugihugucabo Kuk Amagara Namaz Aseseka Ntibayor

  • Abobanyagihug Nibagirebabatahane Mugihugucabo Kuk Amagara Namaz Aseseka Ntibayor

  • Abobanyagihug Nibagirebabatahane Mugihugucabo Kuk Amagara Namaz Aseseka Ntibayor

  • nibabafashebatahe mugihugucamavuk bazetucubake nakaramahoro niyos

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.