IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ahari ivyuma bitanga amajwi kuri RTNB hatewe amagerenade

Ahari ivyuma bitanga amajwi kuri RTNB hatewe amagerenade

dimanche 22 Munyonyo 2015, par egide

Mu gihe abanyagihugu bo muri Asiatique bumvise ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana urwamo rw’ibisasu bikomeye vyatewe mu micungararo y’ahari ivyuma bitanga amajwi ku nsamirizi n’imboneshakure vy’igihugu (Antenne émetteur ), mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko ari amagerenade yatewe, ivyononekaye bikaba bitaramenyekana.

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko abantu bataramenyekana bateye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana amagerenade ane hafi y’ivyuma bitanga amajwi vy’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu (RTNB), muri karitiye Asiatique.

JPEG - 25.4 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko namba hoba hari ico ayo magerenade yononye canke hari abahasize ubuzima bitaramenyekana.

Kuva ivyo bisasu vyumvikanye, abaporisi n’abasirikare benshi baciye binjira ku bwinshi aho muri karitiye Asiatique.


IGIHE

Messages

  • Yemwe! Komeza Masengesho Musengere Burundi, Mana Tabare Kigihugu Cacu, Inyishu Yavyose Nuguheberanira Kubiganiro

  • Pita Wansekurekura Ukirimwiza Uzorekura Urimubi Kandi Cndd Fdd Izocika Ubunywenywe Hamwe Itazokwibukwa Ukundi

  • Mana Ikigezwe Nukumparira Nkazabona Uburundi Bwawe.Umwe Wese Yisuzume Kuko Bifise Intumbero Yimana Ataruko Imana Iraturandura Ntakibuza

  • Nimubahigishe urushinge abo badalayi ba Cnared ba shaka gusubira bene gihugu mwihumbi Kandi igihugu cari gite Kanye

  • Mon Col.ivyo bihimbiri biriko bikoreshwa nkimburabwenge uti cou-et ntigikunda abantu benshi duhagarariye igihugu kandi bo kukigwanira turiho sibimwe vyo kumugambwe umwe wamengo nikareso bakuranya nuhaze ibijumbu ngo ngiye gusimbira kuntebe nabo bapfuye ataco bamariye rutovu yabo.nibareke guhendwa nivyo bitama biriko biraturatura nimvi kumutwe ngo tabagura igihugu mwumva bafise ubwenge?barabashukaaaaaaaa.

  • Abarundi turahendwa uwo politique inaniye abicisha kuri twebwe ibijuju bakaduha ibigwanisho turondera inyungu zimyobo yabo nayinda niyuwizewe numwenegihugu.mwisuka kuri police mufis ubwenge bwukwiyumvira?uti mpfuye nzira inyega yuwundi mugabo umuryango uzongo wanje uzorabwa nande?ibaze nibazeeeee.

  • Mutama barira izo mburabwenge uti ayo magrde ntawashikana kuntebe mwikigihe amase yakera ntagihoma urutaro uyitera nabi ikaguhitana.kera majr yamanuka kwiradio ngo nije mfis igihugu bihe insomo aba Generaux bananiwe uko bangana nibareke kubagira intemere(ikivumvu)mwisuka kwicumu ry’abajejwe umutekano.

  • GUTERA RTNB?PAS POSSIALE!NONE KO MUVUGA KO MUFISE UBUHINGA BWANONE BWOGUSAKA IBIRWANISHO NONE IVYO BIGUMA VYICA NIBIKI?TUREKE GUHENDANA ABO BATUTSI BABAYE IVYIHEBE NIMUGANIRE NTAWUNDI MUTI.MURIBUKA93 TUKIJA MWISHAMBA NTANIGUVYU TWARI DUFISE NKIZO BAFISE ARIKO MWARABONYE INGENE VYAGENZE.NKURUNZIZA IMERA KO WAHEMUKIYE IGIHUGU USABE IKIGONGWE ABARUNDI NABAGUHANUYE UKIGIRA IGIHARAGE CIKIGUGU

  • NGO RTNB YATEWE?PAS POSSIBLE!!NKURUNZIZA WEWE UFISE ABAHANUZI CANKE ABAGENZI BABI(PASCAL,BANYAMITWE...)KUKO KWITOZA KWAWE WIHAYE MANDAT BIRIKO BIRAZANA IMPFU NYISHI WIGIRA NGO URASENGA.MBE USENGA IYIHE MANA?AYAMARASO AZOGUHUMIRE

  • ubwo ni ubujuju ntangere, none craned niyoshika abanyagihugu ntibazoyumviriza kuri rtnb? canke bamaze kubonako gukura leta bidashoboka bariko barangiza gusa.

  • jewe nibazako abajejwe umutekano batorya umukondorazasi murumvako duhazwe

  • Barabe Neza Ahontihoba ARimuribo Biciyimirwi Hasigaye Kwiyerekanagusa Bacungane

  • burya akataraza kari munyuma abarushe ni benshi hari hakwiye ibiganiro vyukuri hagati y abanyapolitike inryane zihere twinjire mw iterambere mbona ubukene buturembeje bavuga ngo bariko barakora uravye imiryango irakenye .

  • I Burundi Boko Haramu yitwa Sindumuja niyo itera ibyo bisasu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.