Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro ko kwinonora imitsi mu migwi ku magara yacu
 Akamaro ko kwinonora imitsi mu migwi ku magara yacu
 Akamaro ko kwinonora imitsi mu migwi ku magara yacu
				
				mercredi 12 Ruheshi 2013
Ukwinonora imitsi bikorwa mu gutambuka ku minsi ya gatangatu no ku minsi y’Imana birafasha kandi ni vyiza ku magara y’abantu cane cane ku bantu bakuze, ivyo bikaba bivurwa na Lawurenti Nzeyimana asanzwe arongoye umurwi umwe muyo kwinonora imitsi bikorwa mu mirwi.
Avuga ko iyo umuntu yinonora imitsi bituma ibihimba bimwe bimwe bikora neza, aha twovuga nk’umutima uheza ugatera neza, amaraso nayo nyene araheza agatembera neza. Amagara y’umuntu aramera neza iyo akunda kwinonora imitsi. Umwanya umuntu yomara ariko arinonora imitsi nawo, ngo ni iminota mirongo itatu ku munsi. Ivyo rero birafasha rwose mu gihe ubigize mu gatondo no ku mugoroba.
Gutambuka biciye mu kwinonora imitsi biratandukanye no gutambuka uriko uratembera, ivyemezwa na Lawurenti Nzeyimana.Yatanze akarorero ku muntu ashobora kuva mu Ruziba n’amaguru gushika mu Kamenge.Kuko uyo aba yambaye neza, agashobora no kuruhuka umwanya wose avyipfuje mu gihe uwuriko arinonora imitsi aba afise intumbero ategerezwa gushikako. «Ategerezwa gutambuka n’inkomezi, akikuramwo ko yarushe».
Inyuma yo gutambuka, umuntu arashobora gukora iyindi myimenyerezo yo kwinonora imitsi, nko kwinonora biciye mu mazi «natation». Uwo mwimenyerezo ukaba uhanuwe ku bantu bariko baragera  mu zabukuru. Lawurenti Nzeyimana yemeje ashimitse ko kwinonora imitsi biciye mu mazi ari umwimenyerezo wikwije kandi ata ngaruka mbi ufise.
Amazi afise akamaro kanini mw’iterambera ry’amaraso, mu guhema, no mu kunonoka kw’imitsi.
Yaboneho akaryo ko kwerekana ukungene ukwinonora imitsi mu kirwi bitandukanye no kwinonora imitsi vy’ihigantu. Kuriwe ukwinonora imitsi mu kirwi atari kugira abantu bahure ari benshi ariko ituma umuntu amenya vyinshi mu bijanye no kwinonora imitsi, ivyo navyo akaba atari kugira umuntu ahiganirwe igikombe canke izindi nyungu muvy’ubutunzi. Ahubwo ubwo buryo bwo kwinonora imitsi mu kirwi, bwatangujwe mu Burundi mu ntumbero yo kugira amagara meza, kugira umubano mwiza no kubana mu mahoro.
Mu gihe ukwinonora urondera guhiganirwa bifise intumbero y’inyungu zo kuronka amafaranga.
Lawurenti Nzeyimana yarangije avuga ko iyo abantu biyandikishije mu mirwi yo kwinonora bahakurira inyungu zitari nke, na cane cane imibano myiza n’abantu.
Mariella Bukuru
