IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amagara y’umupfungwa Hilaire Ndayizamba ntiyifashe neza

Amagara y’umupfungwa Hilaire Ndayizamba ntiyifashe neza

lundi 1er Kigarama 2014

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfungwa APRODH riratangazwa n’ukubona umupfungwa Hilaire Ndayizamba yabanje kugumizwa mw’ibohero, kandi ivyegeranyo vy’abaganga vyerekanye ko akitswe n’amagara. Hilaire Ndayizamba yasohowe ibohero yamaze kuremba, amakuru ava aho arwariye mu bitaro "Clinique La Colombe, akamenyesha ko amagara yiwe atifashe neza.

Ndayizamba Hilaire amaze imyaka itanu, kuva mu 2009, apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva, uwahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME. Inyuma y’iyo myaka ari mu mvuto yaciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe, abamuburanira barashikirije amakenga yabo ku magara yiwe, bakamusabira ko yotezurirwa kubera ingwara zidakira yari afise. Kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2014, abashingwamanza Déo Nzeyimana na Antoine Nzobandora barandikiye umushikiranganji w’ubutungane, bamwibutsa ingingo y’138 yo mu mw’itegeko nshikiranganji nimero 550/782 ryo kuwa 30 Ruheshi 2004, rivuga ko umupfungwa amaze umwanya munini mu mvuto, amagara yiwe akaba asinzikaye, ko ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, ariko uwo mupfungwa akabanza kwerekana icegeranyo cakozwe n’abaganga babiri bemeza ko amagara yiwe atifashe neza. Naho abaganga babiri, Sophonie Niyondavyi na Elysée Baransaka bemeje ko Hilaire Ndayizamba arwaye ingwara y’igisukari n’umutima, ubutungane ntibwigeze bufata ingingo y’ukumutezurira.

Hilaire Ndayizamba, kuri uwu wa mbere yakwije iminsi icenda ari mu bitaro "Clinique La Colombe". Amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko yagiye aremvye cane, yatanguye mbere n’ugutakaza ibiro. Mw’ishirahamwe APRODH bakabona ko kugumiza mu munyororo uwo mupfungwa bifise intumbero yo kunyegeza ukuri ku bishe Ernest Manirumva, uwahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yagandaguwe bunyamaswa.

Hilaire Ndayizamba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu 2009, aca yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba. Yaciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, yagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva uwahoze ari icegera c’umukuru wa OLUCOME.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.