Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amagara ya Nelson Mandela yifashe neza muri kino gihe
 Amagara ya Nelson Mandela yifashe neza muri kino gihe
 Amagara ya Nelson Mandela yifashe neza muri kino gihe
				
				samedi 10 Myandagaro 2013
Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Afrika y’epfo Nelson Mandela yaratanguye ukwezi kugira 3 ari mu bitaro guhera kuri uyu wa 8 Myandagaro. Amagara yiwe agenda amera neza. Ubu arahema neza nkuko bivugwa n’uwahoze ari umutambukanyi wiwe, Winnie Madikizela Mandela.
Ni ubwa mbere Nelson Mandela amaze igihe kinini mu bitaro  kuva avuye mw’ibohero mu mwaka w’1990. Ku musi wa  kane igenekerezo rya 8 Myandagaro, intwari  mu kurwanya ikumirwa rifatiye ku rukoba yakwije amezi 3 ari mu bitaro i Pretoria.
Kubwa Winnie Mandela, Nelson Mandela ntiyigeze na rimwe afashwa n’ivyuma mu guhema atari ubu honyene. Abaganga bakaba baravyifashemwo neza none ubu akaba ahema neza.
Abantu benshi bari bamaze gushira mu mitwe urupfu rwiwe kandi atapfuye. Winnie Mandela akaba anegura mwene abo bantu kuko amenyesha ko vyababaza umuryango wiwe mu gihe bariko bumva abantu bategura amaziko y’umuntu atarapfa.
Mwomenyako kuva Nelson Mandela ajanwa mu bitaro kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi biturutse ku ndwara y’amahaha, ubutumwa bwo kubashigikira bwaguma bucanacanako nkuko umuryango wiwe ubumenyesha.
Floxella Karire
