IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amerika:Abantu 27 harimwo abana batoyi 20 barasiwe mw’ishure

Amerika:Abantu 27 harimwo abana batoyi 20 barasiwe mw’ishure

samedi 15 Kigarama 2012

Umukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, asaba ko hafatwa ingingo zikomeye zihasha kwicisha inkoho inyuma y’iraswa ry’abantu 27 harimwo abana 20 i Connecticut.

Avugana ikiniga n’ishavu, Barack Obama yavuze ko ababajwe cane n’iyicwa ry’abo bantu i Newtown, kw’ishure ritoyi rya Sandy Hook.
Uwukekwa ko ariwe yarashe abo bantu yitwa Adam Lanza, akaba afise imyaka 20, nawe nyene akaba ari muri abo bapfuye.

Vyibazwa ko yaciye yica na nyina wiwe amuvyara.
Nibwo bwicanyi bwa mbere bubi bubaye kw’ishure canke kuri kaminuza muri Amerika.
Mu 2007, umunyeshure wo kuri kaminuza ya Virginia Tech yishe abantu 32 anakomeretsa abandi benshi.

Abana biciwe kw’ishure ritoyi rya Sandy Hook bari hagati y’imyaka itanu na cumi.
Uwuserukiye igipolisi yavuze ko abana 18 baciye bacikana ubwo nyene bamaze kuraswa, abandi babiri bapfira mu bitaro.
Abantu bakuze batandatu nabo barishwe, uwabarashe nawe akaba yaraguye aho nyene, bisa nk’uko yirashe.

Bivugwa ko yabanje kurasa nyina wiwe w’umwarimu, amurasira mu nzu iri i Newtown, imbere yo kwerekeza kuri iryo shure mu gitongo co kuwa Gatanu.
Abagira amatohoza bavuga ko bitaramenyekana nimba nyina w’uwo musore yarakora kw’iryo shure.

Ubu bwicanyi bwasubiye kuvyura ikibazo gikwega impari nyinshi muri Amerika, aho bamwe bemera ko gutunga inkoho ari uburenganzira bwa wese, abandi nabo bakavuga ko ari ukwiyeregereza urupfu.

kw’ifoto: Prezida Brack Obama, ababajwe n’urwo rupfu


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.