IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > UBJ : "Hapfunzwe Bob Rugurika ntihapfunzwe ukuri"

UBJ : "Hapfunzwe Bob Rugurika ntihapfunzwe ukuri"

mercredi 21 Nzero 2015

Amwe mu mashirahamwe atandukanye arabandanya gutera ivyatsi ipfungwa ry’umuyobozi w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu.

Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ akaba avuga ko ari ibiterasoni kubona Bob Rugurika apfungwa, mu gihe yariko arakora ku kibazo casa n’ikiriko kiranyegezwa. Alexandre Niyungeko akavuga ko bateye intege iradiyo RPA n’umuyobozi wayo mu gihe ubwicanyi bwakorewe ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75, abarundi n’amakungu bose bari bakeneye kumenya uwabishe. Abandanya amenyesha ko gupfunga Bob Rugurika atari ugupfunga ukuri, narirya amatohoza yabaye ndetse n’ubu akibandanya kugira abicanyi bishe abo bakozi b’Imana baje ahabona.

No mw’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo baratera intege Bob Rugurika ko atocika inkokora, ko bifatanije nawe. Petero Karaveri ati : ’’Na jewe narapfunzwe hanyuma ndavayo, nawe uzovayo!". Petero Karaveri Mbonimpa akavuga ko umuyobozi wa RPA ariwe atawe muri yompi mu gihe abicanyi bo bidegemvya. Ariko akizera ko impera n’imperuka ukuri kuzotsinda, kukaja ahabona, kuko ata na rimwe ikinyoma cigeze gitsinda ukuri. Mbonimpa akamenyesha ko idosiye y’urupfu rw’ababikira batatu b’abatariyanokazi ari idosiye idasanzwe, kuko ikorwako abatari bake mu butegetsi bagasha.

Mukamenya ko igihe Bob Rugurika yariko aramvirizwa, Adolphe Nshimirimana na Ayubu bavugwa cane mu bwicanyi bw’abo babikira, barenganye ahariko harabera urubanza, aho abanyagihugu babahaye induru nyinshi.

Abamenyeshamakuru b’abarundi, na mpuzamakungu amashirahamwe mpuzamakungu n’ayo mu Burundi bose bagiye kuvira hasi rimwe iryo burabuzwa no gushaka kuzivya abamenyeshamakuru rihagarare mu Burundi, nk’uko uwurongoye ishirahamwe UBJ (Union Burundaise des Journalistes), Alexandre Niyungeko abivuga.


Aristide Nizigire

Messages

  • @niyungeko komera mwese,abamenyesha,makuru buburundi eka nabandi bokwisi yose ,nayo bobo azofugwa iyo ashoboye iyisigaye izofugwa banyina babayimukatiye

  • TARATAZE ARIKO INTAMBARA MWATANGUJE NIMWAYITSINDA NZOBA MBONA MUTAYITSINZE MUZOYIGWAMWO

  • Iyo politique ya DD ariyo ya nkurunziza irashaje ariko nivyo igihugu abanyagihugu bagihaye abantu batize nico gituma bakora kurya kwiki roberi hama bakaja ku maradio ngo democratie yarashinze imizi mu burundi!ihi bambewe ahubwo abarundi bari mu ntwaro yagacinyizo aho ubutungane bukoreshwa nubutegetsi ,ijoro abarundi barimwo rizotinda rice.abicanyi nibo basasirwa indava hanyuma imvuga kuri zikidegemvya!

  • Mwebwe mwiyemeje kuzokuraho iyi leta ndababwiyeko nimwagirirwubuntu mukaronka ibihugivyishibibafasha birasjobora kuzokunda nkomugihe kitarimusi yimyaka 50 twebwetwese twirirwaturandika ututwiuumviro abazobabakihari bazobabasigaye bagenda babasunika kwipine ryikinga. Iconzico mwaramaze kumanika amaboko kubijanye noguzotsinda CNDDFDD MURABIZI KWATARIVUAVUBA. KURUGAMBANARWO RWAMASASU HOHO MWARAYEMUBONYE ICOBITA GUKUBITA IMPAGA, KURIVYONAVYO VYOGUSHIGIKIRA UWOWESE YASE IYI LETA UMWANYUMWE BAZOZABARABAREKA UYUNDIMWANYA BATORAMWO KAMWEKAMWE BATERERA MUMPIMBA, KUVUGAMUNDIMI ZITANDUKANYE NGOMUTEZIMBERE IRYOREMENTANYA RYANYU RYOGUPINGA LETA MWOMENYAKO NABANDIBAZIZI IZONDIMI MUGIHEVYOBABIKENEWE.

  • Mwa nterahamwe za ba DD MURAHUMBAAAAAAAAAAAAAAAA.....UPRONA IRACARIHO
    BURUNDI.?yooooooooooooooooo mubatuke ,,mureke ,,,,Imana niyo nyishuuuu HO?,,,,,,,,,,,,,,,abo Bagabo iyataba bo muba mwarashitse kuntwaro??/ Mbe babafashije ibingana gute>> ubu muri kubatuka jjjhhh kubera mwashitse i burundi mubona abana Beza..amazu meza muca mWripfuza ,,MWARAGUTSE KOOKO ....nayo ma Sida mwavanye mwishamba ..muyazana muhira,,sha kkk..jewe ndababazwa na Cdd kuburyo vyashoka noyimamiye kabisaaaa

  • AKA KAGABO KITWA NUWERA NI KAMWE KIYITA MAMA KUKO KADAHA KU BANTU MBE WEWE NTA NYAMA N UMUBIRI IFISE??KANDI JA MW ISHURE BAKWIGISHE KUKO NTUZI KWANDIKA ..UVUGA IKI DD GUSA WEHO NTUBONA ABAZIRA UBUSA ..GOUVERNANCE YA SOBUJA ADOLPHE NA PETER NA BANDI BA DD BADUCUZE BUFUNI NTABO UBONA ???NAWE UZOSHIKIRWA WANSE KUBA UMUJAKAZI WABO..WAIT AND SEE NIMBA WUMVA NA DUKE ..URABONA MBE IYO MYAKA YA POUVOIR URI IMANA NGO UYIMENYE?????!!!!!!

  • jewe ndasaba abarundi nabarundikazi ko twoja hamwetugakorera igihugu .hama abo twatoye ngo baduserukire badutorere amategeko meza kandi ateza imbere umunyagihugu.turasavye bagabanure ibiciro vyama unité babisubize uko vyahora

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.