IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe bemeza ko baza kurara mu bisabisho mu gihe abandi baza kurara (...)

Bamwe bemeza ko baza kurara mu bisabisho mu gihe abandi baza kurara barakanyukura

mardi 31 Kigarama 2013

Mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura uruja n’uruza ni rwose, abantu bariko bitegurira umunsi mukuru wo guheza umwaka. Aho twaciye hari ibimenyetso bitandukanye nk’akarorero ku ma boucherie atandukanye, abantu bariko barasuma.

Bamwe n’abandi bakaba bafise uko biteguriye guhimbaza uwo munsi mukuru, mu gihe bamwe biteguye kurangiza mu gasabisho mu mashengero atandukanye, abandi bahisemwo kuwuhimbariza mu miryango yabo. Ariko naho biri uko hari abandi bavuga ko ubukene bubugarije birengeje batabona ingene baza guhimbaza.

Mu gihe ikinyamakuru IGIHE cariko kiganira n’abanyagihugu uko biteguriye uwo munsi mukuru wo guheza umwaka, abashona impuzu mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko muri kino gihe ubukene bubugarije kuko kare abahora babashorera mu mpera z’umwaka bahora ari benshi, ariko ubu baragabanutse cane. Abo bashona impuzu bavuga ko iyo abakozi baronse agashahara kabo, nabo banezerwa cane kuko baca baronka abazana impuzu benshi, ariko ubu siko bimeze. Abo bashona bagira bati :’’ Guhera nko mu ntango y’ukwezi kwa Kigarama ntitwasubira kwakira abo bazana impuzu kuko twaba dufise ibitambara vyo gushona vyinshi cane, bivugwa n’ umushingantahe yariko atera ikiremo ku mpuzu yari afise.

Nayo babakenyezi badandaza amatomati mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura naho babirukanye bavuga ko n’ubu baje muri ayo mabarabara kugira baronke ababashorera baronke ico gutamira kuri uno munsi wo guheza umwaka.

Urwaruka narwo ari urusengera mw’idini rya Katolika canke idini ry ‘Abaporoti bavuga ko kuri uno munsi duheraheza umwaka baja mu makesha, kugira bashimire umuremyi ivyiza yabakoreye bongere basabe ko umwaka ukurikira wogenda neza. Abandi nabo bavuga ko baza kuja mu nzu z’ubutambiro bikure ibivumvuri vyose, hari n’abandi bahisemwo guteramira mu miryango yabo.

Eka abo twagiye turayaga bakavuga ko naho ubukene bubugarije hamwe n’imiryango yabo, barashima Imana kubona yarabazigamye muri uno mwaka. Umunsi mukuru w’umwaka mushasha rero ukaba uhimbazwa cane n’imiryango yifise mu Burundi, mu gihe umunsi mukuru wa Noheri nawo ukundwa n’ababayabaye. Uyu mwaka ariko bose bikaba vyarabacanganikiyeko, kuko yaba abifise canke abatifise bose usanga barira ko ubukene bwokora inzara bugata. Aho bita T2000 hasumira abatunzi, hagaragara ku buryo wamenga ntanico biteguriye gusohora.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.