IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon asaba abajejwe umutekano gukora ataho bahengamiye

Ban Ki Moon asaba abajejwe umutekano gukora ataho bahengamiye

vendredi 8 Rusama 2015

Intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Said Djinnit ivuga ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban-ki-Moon atera ivyatsi amabi yakurikiye igenwa rya Petero Nkurunziza guserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora y’umukuru w’igihugu.

Mw’itangazo Said Djinnit yashize ahabona kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 rusama,amenyesha ko kuva habaye igenwa rya Petero Nkurunziza guserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora y’umukuru w’igihugu haciye hakurikira imyiyerekano yatumye abajejwe umutekano bibonekeza cane muri yo.

Muri iryo tangazo,intumwa idasanzwe ya Ban-ki –Moon,ivuga ko Ban-Ki-moon ahamagarira abarundi bose kubungabunga ivyo igihugu caronse vyose ,akaba kandi yiyemeje gushigikira amatora abaye mu mahoro,mu muco kandi yitabwe na bose.Ban-Ki-Moon ahamagarira abategetsi b’Uburundi kwubahiriza agateka ka zina murundi wese,harimwo uburenganzira bwo kugira inama,guhurira mw’ishirahwamwe nogushikiriza ivyiyumviro.

Asaba kandi abajejwe umutekano kutagira aho bahengamiye no kwigumya mu gihe c’imyiyerekano ihuza abantu benshi.Asaba ashimitse abegwa bose n’ikibazo c’amatora kureka ibikorwa bisinzikaza agateka ka zina muntu hamwe no kureka gukoresha imvugo iturira kandi ibiba urwanko kuko bishoora gutuma agashavu kaduga.

Said Djinnit amenyesha ko Umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,atewe impungenge kandi n’amabi abandanya kwibonekeza mu Burundi ku rugero runini aho hari abapfuye,abakomeretse,abana n’abakenyezi bapfunzwe bagirizwa ko bari mu myiyerekano.

Ban-Ki-Moon atera akamo ko guhagarika vyihuta amabi yose aho ava hose,akavuga ko abakenyezi n’abana bategerezwa gukingirwa mu bihe nkibi bigoye,kuko ata gihe na kimwe abana bategerezwa gushirwa mu myiyerekano.Yibutsa ko umuntu wese akora ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zinamuntu azobibazwa ku gatwe kiwe,imbere y’ubucamanza bwo mu gihugu canke mpuzamakungu.

Mu kurangiza,Ban-ki-Moon avuga ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU riri kumwe n’ibihugu vyo mu karere,ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko,ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini,Ubumwe bwa Afrika,hamwe n’abandi bose bafasha ku rwego mpuzamakungu ,ryiyemeje kubandanya gushigikira abarundi bose mu twigoro two gutsimbataza amahoro,umutekano hamwe n’iterambere vyabonetse inyuma y’imiruho myinshi.

Ban-Ki-Moon akavuga ko vyose bitegerezwa gukorwa kugira bakinge ko amahoro,umutekano hamwe n’iterambere ry’igihugu bitosubira inyuma.


Van Naris Mugisha

Messages

  • komera ariko igipolice gikorera peter wabo umutekano wabananiye mugabo sibo, abobakorera nibo badashaka amahoro kandi urazi ko ahatagira amahro anumutekano kimwe gaciyubwenge we nabandanye impembo yiwe iri mwijuru

  • Uyumutama turamushigikiye cane kumpanuro atanze,iratomoye kubarundi bose benewacu.

  • turagushigikiye mutama wenda bamwe bariko baturira abantu babona bakumvira.

  • Uyumuvyeyi Bank Ki Moon numuvyeyi abukwiye vyukuri, umuvyeyi yakuvyaye yaravyariye Isi yosevykuri, uruwabarundibose, uruw’Africa, ekaruw’Isi yose, yemwe uwaguhaye gukora mwicokibanza arazikwihweza vyukuri urakaramba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.