IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon asaba Reta y’Uburundi kugarukana ukwizerana hagati (...)

Ban Ki Moon asaba Reta y’Uburundi kugarukana ukwizerana hagati y’abarundi

vendredi 15 Nzero 2016

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon asaba Reta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira hagaruke ukwizerana hagati y’abarundi.

Mw’itangazo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon yasohoye kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Nzero 2016,Ban Ki-Moon amenyesha ko atewe impungenge n’ingene ibintu vyifashe mu Burundi.

Ban Ki-Moon avuga ko kugira hagaruke ukwizerana hagati y’abarundi ibintu bibiri arivyo vyokorwa na Reta. Avuga ko muri ivyo harimwo kurekura abapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo,hamwe no kureka amashirahamwe adaharanira ivyicaro vy apolitike agakora ku mugaragaro.

Ukutumvikana mu Burundi kwatanguye mu mpera z’ukwezi kwa kane umwaka uheze wa 2015,kuva umugambwe CNDD-FDD umenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azosubira kwitoza kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu.


IGIHE

Messages

  • izo mpungenge aho yazigiriye ntizoja zimuhenura. Ahubwo ntazo afise iyaba azifise aba aza yaragize ico akoze.

  • Ahomwakavugiy Twarambiwe Cambere Abantu Baheze Binzirakaregane Bapfa Sinzi Tuzotabarwa N’uhoraho Gusa

  • uyumusaza vyukuri yarakoze vyinshicane kubijanje nogukomeza. amahoro. numutekano. muburundi. kandi abarundi. twese. turakwise kumenyako amahoro numutekano. dufise muburundi tubikesha. uwumutama Ben kimoon.

    reta. irakwiye kumwambika umudari. kandi ikamusabira gukomeza. iyindi. mandaye yoguserukira. ONU muburundi.

  • Ako kabwa kama gasinziriye iyo kihenze ngo karavyutse gaca kagira impungenge

  • Vous avez trahi le peuple Burundais qui vous a supplié depuis longtemps de le secourir mais en vain. Vous avez choisi d’assister sans agir aux malheurs des Burundais causés par NKURUNZIZA. N’oubliez pas l’adage français qui dit que " QUI PEUT ET N’EMPECHE PECHE". Demeurez en paix

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.