IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh : Abantu 50 bakubiswe n’inkuba

Bangladesh : Abantu 50 bakubiswe n’inkuba

dimanche 15 Rusama 2016, par egide

Abantu bagera kuri mirongo itanu muri Bangladesh bapfuye bahitanywe n’inkuba muri iyi minsi ibiri iheze, nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi.

BBC ivuga ko abenshi mu bakubiswe n’inkuba ari abantu b’abirimizi bari mu ndimo zabo.
Bangladesh yari isanzwe ikunda gushikirwa n’imiravyo, ariko uno mwaka bikaba vyararenze urugero.

Abahinga bavuga ko bishobora kuba vyaturutse ku bushuhe, hamwe n’ikibazo co guhonya amashamba.

Mu bandi bapfuye harimwo abanyeshure babiri baguye ku murwa mukuru Dhaka, bakubiswe n’inkuba bariko bakina umupira, hamwe n’umuhungu w’umuyabaga yapfuye agiye kwamura imyembe.

Abantu 90 barishwe kuva mu kwezi kwa gatatu bahitanywe n’inkuba, ugereranije n’abagera ku 51 bapfuye muri ubwo buryo mu mwaka uheze wose.

Uwujejwe gutabara no guteganiriza kurwanya ibiza muri Bangladesh, Mohammad Riaz Ahmed, yabwiye ikigo c’itangazamakuru VOA, ko atewe umwitwarariko n’ibitigiri vy’abantu bishwe n’inkuba.

Mohammad Riaz yamenyesheje ko biteze ko haba iyindi mituragaro mu mpera z’uku kwezi kwa Rusama.

Ibihuhusi birakunze kwizizira igihugu ca Bangladesh, igihe haba himirije canke mu gihe c’impeshi n’ici nyezina.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.