IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Barack Obama yasavye irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa

Barack Obama yasavye irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa

jeudi 25 Nyakanga 2014

Mw’ijambo yashikirije mu gutanguza inama ya "Clinton Global Initiatives" yama itunganwa uko umwaka utashe, Barack Obama, umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yasavye ko Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH yorekurwa, n’agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu kw’isi yose kakubahirizwa.

Iyo nama ya "Clinton Global Initiatives" yama ihuza uko umwaka utashe abarongozi bo kw’isi yose, hamwe n’izindi mboneza, mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bihanze isi kurusha ibindi, bakongera bakarabira hamwe ingene ivyapfunditswe vyoshirwa mu ngiro. Mw’ijambo ryo gutanguza iyo nama, umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yagarutse umwanya munini ku bikorwa vy’abaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Barack Obama yamenyesheje ko ashigikiye ayo mashirahamwe kw’isi yose, abo baharanira agateka ka zina muntu aribo bazana impinduka kw’isi. Kubwa Obama, igihugu gishaka gutera imbere kigira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike akomeye, kuko umutekano n’intwaro rusangi vy’igihugu biva ku bukomezi bwa mwene ayo mashirahamwe.

N’aho Barack Obama yemeza ko igikorwa c’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ari ntangere, akanegura ibihugu vyihaye guhohotera abari muri ayo mashirahamwe mu kubabuza ubwigenge. Yamenyesheje ko yifadikanije n’abapfunzwe kw’isi yose bazira ivyiyumviro vyabo. Umukuru w’igihugu Barack Obama yaradondaguye amazina y’abantu kw’isi bapfunzwe bazira ibikorwa vy’uguharanira agateka ka zina muntu. Muri abo bantu bo kw’isi yose Barack Obama yasavye ko borekurwa, harimwo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH amaze amezi ane apfunzwe.

Barack Obama, umukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika yamenyesheje ko intwaro rusangi mu bihugu bimwe bimwe ishobora gusubira inyuma, kubera ama Reta ariko arabangamira ibikorwa vy’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ari naco gituma ubutegetsi arongoye bwihaye igikorwa co gukingira ayo mashirahamwe mu bihugu atubahirizwa. Barack Obama avuga ko Reta arongoye igiye gushinga ikigo kijejwe gufasha n’ugushigikira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.


Egide Nduwimana

Messages

  • non naho Abategetsi bazi kwijijisha ubu na BARACK OBAMA baraza kumugaya kwli?reka turindir mgbo iyo Ntama bashaka boyirekura hakiri kare.Inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya yaravuz bica amatwi.ubu naho?haaaaa reka turindir kk numusazi aratinya i kambi.(camp militaire)

  • Barekuy,iyo ntama bareke kunya aho batema!

  • Komera mutama utwara isi ngira wewe bokwumvira kuko iyintwaro yo muburundi atawo isonera ihangara nabakozi b’Imana igakubita igafunga abatama ntigera umutwe umuti wabo udakubise mumatwi ntibokwumva bagire nka Iraq cank syria niho bokwumva urazi imbwa zaba DD ingene zitisonera muga amakungu atagitoreye umugi twebwe twenyene abarundi turahaguruka kandi baratubona nitugiramahoro

  • OBAMA NA BABASHINGAMATEKA BI SHIRAHAMWE RYA BULAYA. BARABA BARATEGURA INGABO ZA OTANI BAZOTWARA MURI SOMALIYA NI BADUFATIRA IBIHANO.

  • ahubwo narinzi KO yaje kumukura mwiboheroariko mana yanje none harinzu yinjira muyindi??

  • Ngirango OBAMA wewe aba dd bomwumva bakagira icobubaha umutama wacu bakamurekura kuko ninzirakarengange ariko bame bibukako atamvura idahita.

  • Perezisa wa USA wewe ntabaye nkababashingamateka ba Bulaya bavugango imbonerakure zikozamakosha zihanwe arikwabandibakozamakosha ntibahanwe. GUSANAWENYENE NTIYATUBWIYE IGITUMA YIFUZAKO MBONIMPA YOFUNGURWA, KUKO KUBA UMUKURU WA APRODH TWESE TWARITIVYISHIMIYE ARIKO AGIYEKUZANA IMIVYIMBA TUTAZI ABAYISHE NIGIHUGU IVAMWO TWACIYETUBONAKO YINYEGEJE INYUMA YA APRODH ARIKO AFISIYINDI FORODI ARIKWARAKORA. ICOREROMUSIGARANYEMWOVUGA NUBWOBURWAYI ABAGANGA BAKABWEMEZA HANYUMA AGATAHA YAKIRA AKAZOSUBIRA MUGASHO KUMARIRA IBIHANO YOBAYARISIGAJE.

  • Reka kuvuga ngo inzu ntiyinjira muyindi kuko abazi ubwenge bakwumvise bogutwenga. États Unis irengeye no kuba igihugu.Irya ni puissance mondiale. Ko Obama aheruka kugirisha inama abaprezida bose bo muri Afrika,uyu w’Uburundi yoshobora gutumako abaprezida bose b’iburaya na amerika bakaza i Bujumbura ? Inyishu:<<Eka da!>> Ko rero atobishobora, niho ageza ubushobozi bwiwe. Ikindi,Bill Gates ,umutunzi w’umunyamerika afise 80 milliards y’amadolari,Uburundi nabwo bugakoresha 1 milliard y’amadolari,vyumvikane ko yotunga Uburundi imyaka 80. None Uburundi utobugereranya n’umuntu umwe w’umutunzi wo muri Amerika ,wumva wokwubahuka kubugereranya n’igihugu ca Amerika.Inyo y’inkoko uyerekwa n’umuyaga.

  • Hangama mutama obama kuriryo jambo washikirize peter umviraho kuko urya arakuruta kuba yavuze uko n,uko abona ko hari ugucura bucumu abatavuga rumwe na leta canke abamashirahamwe yigenga

  • Jewe abantu murantangaza izo commentaire mwandika nizo zituma aguma mumunyororo kuko naho hovugande biragoye kwavayo kuko kuvuga bitandukanye nokumwugururira ngo sohoka ariko muribagiye akahise ahabantu baturirwa mumapine izuba riva bene umurango babona ayomashirahamye ntiyaribwaze amerika ntiyaribwabeho hakozwiki mwebwe nimuze dutegereze ubutungane ico buzoshikako naho kuvugamenshi siko kuyamara. Murakoze

  • mutama banza urekure wamusirikare mwagiriza koyamenye ibanga ryigihugu kuko yavuze kwigisirikare cawe cishe abanyagihugu muri irac wongere urekure numwe yavuga ko iperereza ryawe ryumviriza amaterefone yibindibihugu uheze ubone kudusaba NGO tumurekure menya neza kuburundi bwikukiye uburero karashiningani NGO habe abigira basurivu NGO Obama aravuze

  • Nikobarundimwe ejonahozembabwirako ikinyamakuru cyomurwanda cyitwa Igihe ko cyaguyemukantu ahabantu bavuye Rwanda bagiye Burundi kwiba abapfuye kuko nticyigeze kigira icyocyibivuzeho, ariko Obama akizekuvuga kuburundi gicyiyecyandika ivyoyavuze kuburundi! Ahongaho nshyatse kubereka iphoto yumuturanyi mufite ukwiri.

  • Yeah ikibazo ko Gishikiriye obama kirarangiye aho ni bamurekure ni banka naho indege zitagira abadereva ziriho.nibihagarrareko rero turabe.

  • Yeah ikibazo ko Gishikiriye obama kirarangiye aho ni bamurekure ni banka naho indege zitagira abadereva ziriho.nibihagarrareko rero turabe.

  • Ivyisi Muvyishinze Mwosara Bireb Muhez Muceceke.

  • Mbe sihondi wew ubwenge bwawe bukora gute hamwe nabandi musangiye ivyiyumviro. Mega ndakubaze ngo nararaba abo baba bararungitse somariya babafatiye ibihano non? None wumva arimwe muriyo canke nibo bariyo mwebwe muri gucingero kuko simwe muhemba abasoda bariyo bazorungika yabandi hanyuma mu vyomushikiriza irinde kuvuga nabi nubu amatora twimirije mbona muguma musega amakungu na Amerika irimwo rekana nubwo bujuju bwanyu

  • Wewe Kigongwe uwomuntu wise ikijuju urarebaneza iryozina ntirihave rikugarukako, uburundi bukuye abasirikare iyobagiyegufasha ibararyobariguye ndabikubwiye, mbegawombarira umuntu yocika agatokekamwe izindintoke ntizibabare? Cankebakamutwara kumuvuza zazindintoke zigasigaramuhira ntijane nahohacitse urukoki rugenzirwazo?

  • Hahahahaaa bofasha bakamurekura hakiri kare ntiboba bagize neza!? Obama amaze kwinjira murico kibazo, aho hagomba hatangure gukora inguvu. Hakubiswe hasi abahambaye cane, aha iburundi ntikuzoba ugufuta gusa! Abasenga ni musenge kuko urwimirije batakoze ibivuzwe mbona rutoroshe pe

  • mbe none kumengo batanguy gusaba ikigongwe bisigura!!!!!!!!!haruwabasavy insiguro se? ico kiravuy munzi ba babikira nabo bataraza

  • Jewe nabumvirije. Ndabona ko harimwo abafise ubwenke nkubwabana. Ngoyategetse. Bamurekure. Yasavye. Bamuhe yidegevye. Afungwe. Icamaso. Nukuvuga. Nigisabo. Sitegeko. Ivyokuvuga. Ngwazoca teruburundi. Mwasaze. Ivyontibisa nintambara. Mwabijujumwe. Ahogwasa. Avugango. Wewe yishe bangahe turi mwishamba. Ngo nuko badasangiye. Ivyiyumviro. Ko. Ataje kuvugira. Bakadege. Babakwega. Amavya. Canke. Kwatavugiye. Abanya gatumba

  • Uburundi ntibwari bukwiriye kumera uko bumeze nuko ababurimwo batazi ico bashaka kandi batabona iyobaja bakwiriye gukanura bakabona bakareka gutoteza abantu bafise iyo baja nico bakora kuko bafise umutima ,Obama ntaba yarinze kuvuga ngo barekure Mbonimpa akandi bavyirengagiza babibona niteka rike kugihugu cacu.Ikiremwa muntu wese nuwutari Mbonimpa akwiriye kubahirizwa nayahandi IMANA IZOBAHORERA BABONA

  • Uburundi ntibwari bukwiriye kumera uko bumeze nuko ababurimwo batazi ico bashaka kandi batabona iyobaja bakwiriye gukanura bakabona bakareka gutoteza abantu bafise iyo baja nico bakora kuko bafise umutima ,Obama ntaba yarinze kuvuga ngo barekure Mbonimpa akandi bavyirengagiza babibona niteka rike kugihugu cacu.Ikiremwa muntu wese nuwutari Mbonimpa akwiriye kubahirizwa nayahandi IMANA IZOBAHORERA BABONA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.