IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Brigade ya 210 y’akarere ka kabiri ka gisirikare yabaye iya mbere (...)

Brigade ya 210 y’akarere ka kabiri ka gisirikare yabaye iya mbere mw’ihiganwa

samedi 22 Ruheshi 2013

Umurwi wa 210 wo mu karere ka kabiri ka gisirikare niwo wabaye uwa mbere mu gice ca nyuma c’íhiganwa ry’abasirikare mu vyerekeye akaramungamutima ka zina musirikare ryabereye mu ntara ya Cibitoke kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2013 rifashwe mu mugongo n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gufasha abahoze ku rugamba hamwe n’ingoma y’Ubuholande.

Icivugo c’uwo musi kikaba cari "intwaramiheto zisunga ubuntu, agateka ka muntu, umutekano kuri bose, igisirikare kirangwa ubuntu no gutunganiriza abo kijejwe.
Ibice vya mbere vy’iryo higanwa bikaba vyabereye mu ntara ya Gitega na Kirundo.

Ibirori vyatanguriye kw’ikambi y‘igisirikare mu Cibitoke, bikurikirwa n’urugendo rugana aho bita i muhira aho habereye udukino twerekana ico umusirikare akwiye gukora n’ico adakwiriye gukora, ukuntu yifata iyo atewe n’umwansi. Aho rero utwo dukino twariko dukinwa n’abasirikare hamwe n’abakinyi ba "Ninde"

Ibirori vyaciye bikwirikirwa n’urugendo rw’amaguru rubavana aho i muhira bagana kw’ikambi ya Cibitoke.

Kubw’umushikiranganji wo kwivuna abansi no gufasha abahoze ku rugamba, General Major Pontien Gaciyubwenge, ibikorwa vy’uwo musi vyabereye ngaho mu Cibitoke vyisunze ivyabaye mu gihe igisirikare cugururira imiryango ku banyagihugu kugira birabire ukungene umusirikare abayeho aho hari mu mwaka w’2013, igihe bahimbaza imyaka 50 iheze Uburundi bwikukiye.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mw‘íjambo ryiwe yibukije ivyavuzwe n’umwanditsi De Georges, aho yavuga ati: "Kwubaha ni ugushira mu ngiro amategeko wahawe n’uwugukurira, ariko ukaraba ko atari ayaguta mu rudubi, gutyo ntutegerezwa gushira mu ngiro itegeko rigutuma ukora ibidakorwa nko kwica umuntu ataco azira.

Umushikiranganji yaciye atumirira abari aho bose kwubaha agateka ka zina muntu, gushigikira ubudasa bw’abantu, bw ‘ímigenzo n’ivyiyumviro aho umuntu akorera hose. Intambwe bagezeko ikaba ishimishije ngo naho hakiri utuntu tumwe tumwe two kuryohora.Yarashimiye ababaye aba mbere muri iryo higanwa aca atumirira abandi kuzogira utwigoro mu gukurikiza akarangamutima mu kazi kabo ka misi yose.

Mwomenya ko abo babaye aba mbere baronkejwe igikombe, utundi dushimwe ku mirwi uko ari itanu twari tugizwe n’imipira y’amaboko, iy’amaguru, basket hamwe n’ibitambara vyo gusoneshamwo amakoti.

Mwomenya kandi ko ivyo birori vyari vyatewe iteka n’uwuserukira igihugu ca Pays Bas mu Burundi Yolke Oppewal, hamwe n’abandi banyecubahiro batandukanye, mu gisirikare, abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.