Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abakenyezi barijukiye ubuzi bwasa n’ubwahebewe abagabo
Bujumbura : Abakenyezi barijukiye ubuzi bwasa n’ubwahebewe abagabo
mercredi 1er Ndamukiza 2015
Bamwe mu bakenyezi b’abarundikazi barijukiye nabo nyene gukora ibikorwa vyahora vyitwa ko vyahariwe abagabo gusa.
Abakenyezi batandukanye bakaba basigaye bakora ubuzi bwari bumenyerewe ko ari ubw’abagabo gusa, aha tukavuga nko gufasha kwubaka amazu, gufasha mu gusasa amabuye mu mabarabara, kuba abadereva b’imiduga y’ubuzi butandukanye, aho bamwe mu bakenyezi usanga bunguruza abategetsi n’ibindi.
P.M ni umukenyezi wo mu Maramvya mu ntara ya Bujumbura, avuga ko atunzwe n’ugukora akazi ko gufasha abubaka amazu mu kubahereza yaba amabuye, canke umusenyi iyo bariko barubaka amazu. Avuga ko ako kazi kamutunze, mbere n’umuryango wiwe ubayeho kubw’ako kazi. Avyuka agaturuturu, agategura imfungurwa, akaja ku kazi afunguye, kugira ashobore gukora neza. Uwo mukenyezi rero akaba yemeza ko ahembwa ku munsi amafaranga 3500.
Tukabamenyesha ko no muri iyi minsi hariko hubakwa amabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura, abakenyezi bo mu makaratiye atandukanye bashoboye kuronka ubuzi bwo gusasa amabuye hasi mu mabarabara atandukanye y’igisagara ca Bujumbura.
Aristide Nizigire
Messages
2 Ndamukiza 2015, 13:09, par Jean Claude BIGIRIMANA
Kubera iki abo barundikazi ubu ariho hagezeko bakora akazi kari kagenewe abagabo kera ? Nukubera :amajambere , ubukene , uburenganzira bwukungana kwibitsina? Hariho abavuga akamaro bimaze , none ntaco vyica mumibereho yabo ? Ineza hamwe ninkurikizi zavyo , nizihe ? Uwoba yarabitohoje neza ,anyishure ,twungurane ivyiyumviro