IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : MSF ibandanya kwakira abayitura

Bujumbura : MSF ibandanya kwakira abayitura

jeudi 19 Munyonyo 2015, par egide

Abantu 59 bakomerekejwe n’amagerenade mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura nibo bavuwe n’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe mu Burundi kuri uwu wa mbere, umunsi haba ibitero mu bibanza bitandukanye.

Muri MSF (Médecins Sans Frontière) bamenyesha ko abantu bakomereka ari abo mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura hamwe n’ahandi hose, bahurirana n’ibitero vy’amagerenade canke amasasu araswa mu bibanza baba barimwo.

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe ribandanya kwakira abantu bakomeretse baryitura mu gihe mu giporisi c’Uburundi babagirije ko bashigiye abahungabanya umutekano mu Burundi, ivyo navyo muri iryo shirahamwe bakaba bavyiyamiriza, bakamenyesha ko ibikorwa vyabo bigarukira ku kuvura ababa bakomeretse gusa.

Abo baganga bakavuga ko badahitamwo aho bakorera, ariko ko barondera gukiza gusa ubuzima bw’ababa bakomeretse.


IGIHE

Messages

  • Nyangoma yaberetse. Ngo abarrundi banze kumufasha urugamba ngo bakirwa binywera akiburundi (ikiyeri). Ngo azabamishamo grenade kugeza abangije.

  • Iman’ifash’uburundi ! ! !

  • Nagomba mfatakanya kogushimira abobaganga batagirimbibe kugikorwa bariko barakora cogutabara imbabare,Imana ibongere imigisha mugikorwa bariko barakora. kuvyo navyo batukwa kuva kera umugiraneza ya mye atukwa, ntahinkozi yikibi izigera ishima iciza cumwiza ya koze. mukomere kwibanga iryo banga ntiryoroshe, mutahure iyu murozi yaroze umuntu hanyuma akabona wa muntu ariko aragendagenda ntahezagirwa habanamba, namwe harabahezagirwa nabatanezerwa. mukomere mukomere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.