IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Umuntu umwe yahitanwe na gerenade

Buterere : Umuntu umwe yahitanwe na gerenade

dimanche 8 Rusama 2016, par egide

Umuntu umwe niwe amaze kumenyekana ko yahitanwe na gerenade zatewe muri zone ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu.

Izo gerenade zatewe ari zitatu hafi y’isoko ya Buterere, zikaba zatewe iyo soko ihejeje kwugarwa. Umuntu umwe niwe amaze kumenyekana yo yahasize ubuzima, abandi bataramenyekana igitigiri bakaba bakomeretse.

Umutekano warahungabanye kandi muri karitiye ya Kinanira, zone Musaga, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, ahumvikanye amasasu menshi.


IGIHE

Messages

  • MWOBAMUMAZE KWIBAZA IBIRARIRIYE GUSHIKIRA INKOZI ZIKIBI? NTITWOKEKERANYA, INKOZIZIKIBI ZIZORANDURWA. UWICUWUNDI NTARYE NGWARYAMIRE. NIMUSOME. ZABURI 37:10-11. UMWEWESE MUBAFISE AGATIMA KOGUKORA NABI YISUZUME. NDAVUGA SIMVURA.

  • None iyo niyo nzira irashe yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu mwagize icitwazo, ko mwica nabo mutazi ! Imana ibabarire kuko mutazi ico mukora, ariko Uburundi hari umwijima cavuyemwo kandi kitazigera gisubiramwo, akarorero - nta gisirikare c,ubwoko bumwe muzongera kubona, - nta ntwaro y,igikenye ivuye muri coup d,etat izongera kuba hano mu BURUNDI. Nyakwubahwa President raba ingene mwotangira bihagije izo ntumva uwo mufashe ntihagire agasho ajamwo mwice, Imana yabwiye ab,isirayeri ngo < umwicanyi ntazobure kwicwa kugira mukure ikibi hagati muri mwebwe> ikibazo si mandat ahubwo ni amacakubiri yabo mudashaka ko babatwara ariko twese turavukana Imana yabwiye NOWA ngo gwira wuzure isi twese tuva k,umuntu umwe

  • UWICAMUGENZIW NTAMPERA NIMW AZIGERARONKA IMBER YIMANA ATARUKUZOTABWA MUMURIRO

  • MBEGA YEMWE IZOMBONERAKURE ZIZUMVIRA IMPUHWE RYARI ABANYAGIHUGU RYARI?KWIRIRWA BICA INZIRAKARENGANE HAMA NGO NINTWARO Y’IMANA.IMANA ITUMA KWICA,GUSAHURA NO KWANGAZA,N’IMANA NYABAKI?ICUKURI CO IMANA ITUMA ABANTU GUKORA IVYO SIMANA YO MW’IJURU

  • MBEGA YEMWE IZOMBONERAKURE ZIZUMVIRA IMPUHWE RYARI ABANYAGIHUGU RYARI?KWIRIRWA BICA INZIRAKARENGANE HAMA NGO NINTWARO Y’IMANA.IMANA ITUMA KWICA,GUSAHURA NO KWANGAZA,N’IMANA NYABAKI?ICUKURI CO IMANA ITUMA ABANTU GUKORA IVYO SIMANA YO MW’IJURU

  • Turahojej umuryango wabuze.Abobantu bica abandi kugira bashikire ubutegetsi naho botaha ntabwo bazoronka.ikigeretseko ukobica abandi bakoresheje ikigwanisho nabonyene niko bazicwa.kuko Imana ntibesha.

  • Nkurunziza ahobukera abarundi arabamara asigare wenyine, ngo niko shatani yamutumye.

  • Uwotera ubwicanyi niwe mwicanyi

  • Izo mpene z’abahotozi zishukwa na ba Niyombare, Munoho, Munywamaraso (sinduhije), vital (munywarumogi) mutibagiwe n’umwami w’abicanyi (kagome). Gusa barabeshya bageze habi. Prisons zaruzuye ubu ni ukubahamba ari bazima niwo muti..

  • Non Karaciyingani Mwica Abantu Atacomupfa?Gezaho Gezah Gusesa Marasoyintungane Imana Izobahana

  • Abantu bose bakomoka k,umuntu umwe. Mu baroma 5 havuga ngo < nkukwo icaha cazanwe n,umuntu umwe nikwo n,urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bacumuye> umuntu rero apfa wese akomoka kuwo muntu ariko satani yinjiye muri bamwe abereka ko batandukanye n,abandi arico gituma habuze umwumvikano mu gihugu cacu, bamwe bagize mandat icitwazo ariko si kwo biri ahubwo amacakubiri yihishij mu mitima ya beshi, mube maso Yesu niyasanga turi mukurobanura abantu bakomoka k,umuntu umwe impembo ni mumuriro utazima

  • Birababaje None Abobantubakorivyo , Bibazakobizohereraho? Imana Izobabaza Abantubayo

  • Jew Ico Ndobivugako Nuko Muburundi Bokwikebuka Kuko Twararushe Bagashira Imbere Ibiganiro Kuko Inguvu Ntaco Zikora Atarugusambura.

  • Reka mbabwire hari ibikoropesho vyibikoresho,abazungu bacako mukwica abarundi nibande?abaheruka kuronja agashimwe kubwicanyi,MAGI na MBONIMPA ,ayo magerenade aguma ategwa niyamahera aherukwa gutangwa nababirigi kurizi nkozi zikibi magi na mbonimpa,nagirambabwire ko hari ibitigiri vyibiziga bahawe bategerezwa gusitsa hama bazoce batanga ayandi mahera yagashimwe!kazi yenu

  • UWICA UYUNDI NAWE NAPFE IYOMIHINBIRI UBU UZOFATWA MWICE EREGA BARICA BAKABOBIBERAHO UWICA AHARIHOSE YUKO EJONAWE AZOBIKOREGWA

  • MASHITE fer ndakubwira ko inkozi zikibi zitumva reka uburundi tubuherez’imana nayo izo nkozi zikibi zizokwishur’ivyo zakoze

  • Yooo!Birababaj Kubona Abantu B’inzira Karengane Birirw Barapfa!!

  • IZONKOZI ZIKIBI ZOMENYEKANA ZOHANWA BISUNZDE AMATEGEKO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.