IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Ikiduga gitera amazi abari mu myiyerekano cahatswe kurwa ku (...)

Bwiza : Ikiduga gitera amazi abari mu myiyerekano cahatswe kurwa ku bantu

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Kimwe mu biduga bitera amazi, cahatswe guhitana abantu muri komine ya Bwiza, Imana irakinga.

Ico kiduga c’urwego rw’igiporisi, kikaba cagize isanganya, mu gihe cariko kizunguruka muri iyo komine ya Bwiza, gihiga abari mu myiyerekano, kugira kibacucagire amazi. Abanyagihugu baba kw’ibarabara ry’umunani inomero 54, bati twahatswe gupfa kandi twari mu rugo. Ico kiduga kikaba caguye, mu mufurege utwara amazi, gica gihitana uruhome rw’inzu kiryamika hasi.

Ababa ngaho, bakaba bafise amakenga ku basuma, bashobora guca batangura kwiba ijoro. Abo banyagihugu bo muri komine ya Bwiza biriwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bakaba bazibiwe ndetse bagira bagihe umuriro.

Abaporisi benshi harimwo n’abategetsi muri urwo rwego nka Ndirakobuca Gervais batazira Ndakugarika n’uwutwara igiporisi ca GMIR eka n’abo mu rwego rw’igendereza, bose bari baje kuraba uko ico kiduga caguye. Abanyagihugu bo muri komine Bwiza, bagasaba igiporisi ko coreka kwinjira hagati mu makaritiye gutera amazi abantu, kuko kijaniranya n’abatarimwo.

Iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ikaba yabandanije ku munsi ugira kane, aho muri komine Bwiza vyagaragaye ko abantu baho, bagenda bazibira ibarabara ku metero zitanu zitanu, ndetse banaturira ibiti n’amapine. Abasirikare, ni bo bashoboye kuzibura ayo mabarabara, bagafashwa mbere n’abanyagihugu, abaporisi bakinjuye. Abari muri iyo myiyerekano, bakaba bavuga ko batagenda bayihagaritse, umukuru w’igihugu nawe, adahevye kwitoza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Imana ishimwe konyuma yokutagira uwogihitana konabagitwara barokotse ndaremye.

  • aya ni amakori y’abanyagihugu arimo kwangirika kubwumutekano muke,abazotwara hirya y’ejo bazoyishyura mumakori bazotoza mubanyagihugu kandi nanone.

  • Imana yabonye ko ico kiduga cariko gikora ibikorwa vya Satani erega.!!!Abariko barabikoresha,ababatuma hamwe n’imiryango yabo bazotemba nkico kiduga.Aho mwumvise ingene Leta, Igipolisi hamwe n’Igisoda bariko barabesha,mwibaza ko abo bantu bariko barapfa ari bo babaremwe!!!Eka da.
    Muzoba mubibona.

  • Erega ntac imana ikorera ubusa ingero ugerera kwabandi nawe niyugeregwako. Uwicishije inkota nawe nyene fair dofais azopha erega benedata yehova arakinda, uburundi
    General kumwe nabandi uwukomeye niyesu gusa abasigaye bose nipirate yesu yarazutse kandaba jenero baribacunze natwe tuzotabagwa babireba mwihangane Burundi

  • Erega ntac imana ikorera ubusa ingero ugerera kwabandi nawe niyugeregwako. Uwicishije inkota nawe nyene fair dofais azopha erega benedata yehova arakinda, uburundi
    General kumwe nabandi uwukomeye niyesu gusa abasigaye bose nipirate yesu yarazutse kandaba jenero baribacunze natwe tuzotabagwa babireba mwihangane Burundi

  • Bagenzi Imana ishimwe .ubona ivyo bibikoresho vyose navyo igipolice cataye umurongo vyose vyoshana nabo hagasigara abakora ivyo Imana ishaka abarundi tukironkera amahora.

  • uwomushoferi akwiye kuja mugasho kuko yabigize abona ntwe bariko barasiganwa

  • nkurunziza nareke gutuma imivu y’amaraso y’abarundi ameneka mugihe bo bamuhaye amata we abituye kubamener’amaraso koko? Mana tabara

  • TWEBWE ABARUNDI TUTARI BAKE TURASHIGIKIYE IKIRINGO CA GATATU CUMUKURU WIGIHUGU.
    MBERE TWEBWE ABANYAGIHUGU NITWE TUZORWICIRA MU KIBANZA CITORA NIBATUREKE.URABONA!!!!!!

  • Ubu Burundi Bugira Buhinduke Ikibuga C’intambara Ubutungane Nibutature Ntitwiyabure Umutamana Twiyambitse, Garukira Igihugu Ntikigwe Mwiriba!

  • ahubwo uwo mu chauffeur akwiye gushimigwa. felicitation sha.

  • abanyagihugu ibihumbi nibihumbi baraye inzara kugira batange ikori ryo kugura iyokamyo aho kuyikoresha icabanyagihugu bayiguriye barayibagongesha ahubwo nibanyaragase bayigure ubutungane bukiri mwikonje nayo bukavayo bazoyiriha incuro.murakoze

  • Ibibintu Tutahagabiye Binzondushira Muntambara Ikomeye

  • Ahubwo Iyo Gitemba Cadutumako!Kibatera Amazi Kuki?Sibwabubisha Non Bac Bononye Iki?Mbega Ntibobareka Bakagaragaza Akari Kumutima!Ahubwo Nyene Urwo Rupanpu Akwiye Kubitwarira Bakamwubakira Urwo Rupangu Rwiwe ;ariko Amenye Ko Atawuribwa Ninzoka Ngo Yitware Kw,isato Ariko Abagira Ivyo Vyose Bamenyeko Akarere Katagira Indahiro Katagira N,uburagiro!Ewe Mana Garukira Abana Bawe!!!

  • None Ug Ruduga Rwavyuy Bande ?Ab Banyagihug Barabemerey Yuk Badsubira Kumijira Ay Mazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.