IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CAFOB : Abarundikazi basabwa kumenya ibiri mu masezerano y’i (...)

CAFOB : Abarundikazi basabwa kumenya ibiri mu masezerano y’i Maputo

vendredi 28 Ntwarante 2014

Ishirahamwe CAFOB risaba ko amasezerano y’I Maputo yo kubahirizwa, ayo nayo akaba ari ayanganisha abagore n’abagabo.

Nk’uko bimenyeshwa na Doroteya Buhangare ajejwe kumenyekanisha amasezerano y’i Maputo, ayo masezerano ntariko arubahirizwa mu gihugu c’Uburundi, kuko umukenyezi w’umurindikazi ingorane zikiri zazindi, iterambere kuri we riracari inyuma, co kimwe no guhohoterwa bibandanya. Abandanya avuga ko abakenyezi bafatwa nabi mu ngo, ari naco gituma mw’ishirahamwe CAFOB bafashe ingingo yo kumenyekanisha ayo masezerano kugira abakenyezi bamenye amasezerano y’i Maputo.

Abitavye iyo ivyo vyirwa bijanye n’ayo masezerano y’i Maputo, bakaba bamenyesha ko n’ubu bagikumirwa nka kera. Abakenyezi bo mu ntara ya Cibitoke bakaba bemeza ko n’ubu badatorana, badashobora kuronka ingurane mu mabanki, n’ibindi. Izo ngorane rero nk’uko bamwe mu ndongozi za CAFOB babimenyesha, zikaba ziri mu ntara nka zose z’igihugu c’Uburundi. Gutorana canke kugira ubwigenge mu ngo bikaba bitarakunda, ari naco gituma abo bakenyezi bamenyesha ko baguma bariko baragerageza kugira barabe ko boronswa ivyo amategeko abaha.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.