IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Canada isaba ibiganiro hagati ya Reta n’imirwi ya politike hamwe (...)

Canada isaba ibiganiro hagati ya Reta n’imirwi ya politike hamwe n’amashirahamwe yigenga

lundi 14 Kigarama 2015

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Canada n’ayandi makungu Stephane Dion ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe iterambere mpuzamakungu n’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa Marie-Claude Bibeau bamenyesha ko igihugu ca Canada gihagaritswe umutima n’amabi abandanya kurwira mu Burundi.

Mw’itangazo basohoye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Kigarama 2015,abo bashikiranganjo ba Canada bamenyesha ko barajwe ishinga n’igitigiri c’abahitanwa n’ibitero,bakicwa mu buryo n’ubu butaramenyekana.

Muri iryo tangazo igihugu ca Canada gisaba Reta y’Uburundi kuja mu biganiro n’imirwi ya politike n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Canada isaba kandi ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,akarere ka Afrika y’Ubuseruko gufasha mu kworosha ibiganiro mu maguru masha.

Igihugu ca Canada gisaba Reta y’Uburundi kwubahiriza agateka k’abarundi,kikamenyesha kandi ko kizobandanya gusaba ko ingingo zizana amahoro zifatwa kugira ngo amabi ntabandanye kwiyongera mu gihugu kimwe mu bikenye kw’isi.

Muri iryo tangazo nyene,igihugu ca Canada gisaba abanyagihugu baco bari mu Burundi kuvayo bigishoboka,mu gihe babona ko vyoba mu mutekano,gisaba kandi abohitamwo kuguma mu Burundi kwiyandikisha mu gisata kijejwe kwandika abanyagihugu ba Canada baba mu bindi bihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • INKONA NTIYARUZWA IRASHISHIMA BANE BUBURUNDI MUHENDWA NABANYEPORITIKE NGO MUGENDE KUGWANA NARETA IKOMOKA KUMUGAMBWE CNDD FDD BARABAHENZE MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA NIMUREKE NTAVYO MUZOSHOBO INKONA NIHATI

  • abagwanyareta bojahamw ebakiga icokibazo hamwe nabovyega mubanyeporotke

  • umutekanonuwatwese abawuhungabanyanibuke iyotwavuye.bibukeko atamunyamahang’azoturonderer’amahoro

  • ABABIRIGI BARI NGAHA MUBURUNDI BAKWIYE IGIHANO COKUBAKERERA KUKO BASUMBWA NIMBEBA YAMUSHUSHWE IVUZINDURU ATACO IRIBUSHIKEKO ( Ababirigi Mirimihimbiri100%) Harikera Ahomwica Abahutu Nkabandadaye Na 2020 numuhutu UWUZOWUCANA AZOWOTA )...

  • Nibagende bavengaha muburundi ntibazobagandagure, uburundi ntibukiri uburundi bwaramaze kwononekara. busigaye aricicaro chashetani abo ba canada ni bitabe akamo batewe nabarongozi babo niho bazoba babaye abanyabwenge.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.