IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Champions Ligue: Lionel Messi yerekanye ko ar’umugabo mu rugo: (...)

Champions Ligue: Lionel Messi yerekanye ko ar’umugabo mu rugo: Amafoto

jeudi 7 Rusama 2015

FC Barcelone, umurwi wo gihugu ca Espagne waraye wirahiye Bayern de Munich wo mu Budagi, hari mu rukino rw’ibanze rushira urwa nyuma mw’ihiganwa rya Champions Ligue. Lionel Messi yerekanye ko ar’umugabo mu rugo.

Urukino rwabereye ku kibuga Camp NOU ca FC Barcelone, urukino rwari rwiteganywe igishika rwatanguye ari ugusatirana hagati y’abakinyi ba Barcelone na Bayern. Igice ca mbere c’urukino caranzwe n’imigisha yo kwinjiza vyaboneka ko ari mike ku ruhande rwa FC Barcelone, eka ico gice nyene cahavuye kirangira ari 0-0. Ku munota wa 77, umupira mwiza uvuye kwa Dani Alves ushikira Lionel Messi maze yinjiza igitsindo ciza Manuer Neuer atashoboye gufata. Nta mwanya waheze kuko inyuma y’iminota 3, Van Rakitic yareheje umupira Lionel Messi, uwo nawe ashobora guca mu ryahumye icugazo ca Bayern Jeromec Boateng maze igitsindo ca 2 kirinjira.

Umurwi wa Bayern de Munich waragwajwe no kubura abakinyi bakomeye nk’umusatirizi Franck Ribery, Arjen Robben, Holger Badstuber, na David Alaba bose bafise imvune zitandukanye. Ivyo rero vyahaye inguvu FC Barcelone.

Muri ya minota y’agasunuzo, Neymar nawe ati:" natanzwe" yinjiza igitsindo ca 3, maze urukino rurangira ku ntsinzi ya 3-0.

JPEG - 63.1 ko
Luis Enrique amenyereza FC Barcelone anezerewe n’intsinzi

Urukino rwo gusubiza ruzoba kw’igenekerezo rya 12 Rusama ku kibuga Allianz Arena stadium kiri i Munich mu Budagi. Pep Guardiola afise urubanza rukomeye kuri iryo genekerezo kubera ategerezwa kwinjiza FC Barcelone ibitsindo 4-0.

Pep Guardiola amenyereza Bayern yihebuye

Cherif NKeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.