Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine: Abatabara ntiborohewe
 Chine: Abatabara ntiborohewe
 Chine: Abatabara ntiborohewe 
				
				dimanche 21 Ndamukiza 2013
Abajejwe gutabara bari mu mwambaro w’umutoto ubenje, bagerageje kuduga n’amaguru mu bice vya kure ahari abakomerekejwe na nyamugigima.
Amabarabara yazibiwe n’ibihomoka vy’imisozi yasidutse,Abasirikare bagenze ijoro ryose baja kuvura abakomeretse, ababa muri ako gace baraye mu mahema no mu modokari zabo.
 
- Abatabara bateruye umusaza batoye mu nzu yabomotse
Abamaze kumenyekana ko bapfuye bageze ku 203, abandi 11500 bakomeretse, barimwo abagera kuri 960 bakomeretse cane.
Umukuru wa Leta y’ubushinwa Li Keqiang, yagiye kuraba ivyo bikorwa vy’ubutabazi, avuga ko arico gikorwa bashize imbere.
Ibirwati vyegereye Lushan vyasigaye ari ibihomoka gusa ,Iyindi nyamugigima y’umurindi wa 8.0 yigeze guca aho Sichuan mu w’ 2008 aho yahitanye ico gihe abantu 90.000.
Floxella Karire
