Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Cholera yasubiye gutera mu Rugombo
 Cholera yasubiye gutera mu Rugombo
 Cholera yasubiye gutera mu Rugombo
				
				lundi 29 Nyakanga 2014
Ikiza Cholera casubiye gutera mu ntara ya Cibitoke, komine ya Rugombo, aho abantu barenga kuri 50 aribo bamaze kwandura ico kiza.
Abantu barenga kuri 50 nibo bamaze gufatwa n’ico kiza ca cholera, aho bariko baravurirwa mu bitaro vyo muri iyo komine. Nk’uko aya makuru ava mu ntara ya Cibitoke abandanya abimenyesha, ikena ry’amazi meza niryo ryoba rituma iyo ndwara vyanka ko ituzwa burundu muri iyo ntara. Tukabibutsa ko iyo ndwara atari irya mbere itera muri iyo komine kandi igihe cose abanyagihugu bakavuga ko ari ubukene bw’amazi.
Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Rugombo rero, bagasaba ko Reta yokora ibishoboka vyose ikabaronsa amazi meza, mu ntumbero yo kubafasha kurwanya ico kiza ca cholera ciraye muri iyo komine.
Aristide Nizigire
